Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwaruka rwa ADC IKIBIRI rusaba ko imigambwe yotwarwa n’abemerwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Urwaruka rwa ADC IKIBIRI rusaba ko imigambwe yotwarwa n’abemerwa (...)

Urwaruka rwa ADC IKIBIRI rusaba ko imigambwe yotwarwa n’abemerwa n’abanywanyi

jeudi 13 Ntwarante 2014

Urwaruka ruhurikiye mu migambwe yo mu runani ADC IKIBIRI rusaba ko abaporisi bugurije ahari ingoro z’umugambwe MSD na UPRONA bokurwaho bagasubizwa mu makambi baje bavamwo, kandi ko imigambwe yasambuwe yosubizwa abayitwara bemewe n’abanywanyi.

Inyuma y’imishamirano yabaye ku munsi wa gatandatu hagati y’igiporisi, abakenyezi bo muri UPRONA, hamwe n’abanywanyi b’umugambwe MSD, urwaruka ruhurikiye mu migambwe yo mu runani ADC IKIBIRI rwiyamirije ihohoterwa rya kiremwa muntu ryakorewe abo banywanyi ba MSD na UPRONA, bakamenyesha ko abo bajejwe umutekano bakubagura abo bajewe gukingira aribo bateza urubwa igihugu mukugiha isanamu mbi mu makungu.

Urwo rwaruka rwo mu migambwe itandatu yo mu runani ADC IKIBIRI ariyo UPD Zigamibanga, FRODEBU, MSD, CNDD, ADR, FEDES basavye ko abaporisi bugarije ingoro z’umugambwe MSD na UPRONA bohakurwa, kuko izo ngoro zitahindutse amakambi y’igiporisi. Bibukije umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana ko ingingo ya 82 y’ibwirizwa shingiro itamurekurira kwivanga mw’itunganwa ry’imigambwe, ari nakwo guca bamusaba ko yoreka imigambwe yaciwemwo amashami ikarongorwa n’abitorewe n’abanywanyi. Basavye ko umugambwe FNL wosubizwa Agathon Rwasa, UPD Zigamibanga igasubizwa Chavineau Mugwengezo, UPRONA nayo igasubizwwa Karori Nditije, kuko aribo bemerwa n’abanywanyi.

Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, basavye kandi ubutungane bw’Uburundi bworekura abapfunzwe bazira poritike, aho rero bakavuze Hussein Radjabu, Ferederiko Bamvuginyumvira, hamwe n’urwaruka rwa MSD 70 rwafatiwe ku ngoro y’umugambwe MSD ku munsi wa gatandatu, muri komine Kinindo.

Urwo rwaruka ruhurikiye mu migambwe yo mu runani ADC IKIBIRI rumenyesha ko rugiye kubandanya guharanira ko agateka kabo kubahirizwa, ivyo bakazobikora batekanye, ariko bagasaba abaporisi kuzokwubahiriza umutekano wabo mu gihe bizokenerwa ko bagira imyiyerekano, kuko n’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi risanzwe ribibarekurira.


Egide Nduwimana

Messages

  • MURAHUMBA,MUKAJA MWIBARABARA NATWE IMBONERAKURE TUZOHURIRAYO,KUGIRA TUBAKURIKIRANIRE HAFI IVYO MWIGIRA,HAGIZE ICO MWONONA TUBE HAFI KUGISUBIZA MUNZIRA ITOMOYE,NTAKWIHENDA RERO MWITIRANYA IMIDUGARARO MUGOMBA KUGIRA MUGIHUGU,NIMYIYEREKANO YOGUSESA AMARASO YABENE GIHUGU.TWARAMAZE KUBAHINYURA BASHA,SHAKA MUGEZAHO NUKURI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.