IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwaruka rwahejeje amashure rukabura ubuzi rwatanguje ihuriro (...)

Urwaruka rwahejeje amashure rukabura ubuzi rwatanguje ihuriro AJDS

vendredi 20 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Urwaruka rugera gushika ubu ku 280 rwo mu mihingo itandukanye rwagiye hamwe rushinga ishirahamwe ry’urwaruka rwipfuza kwibeshaho mu kwironderera ubuzi bworutunga rubicishije mu kwiyumvira no gushiraho imigambi y’iterambere, rukavavanura n’ukwama ruzera inze.

AJDS (Association des Jeunes pour le Développement Socio-économique) ni ihuriro ry’urwaruka rukomoka mu mihingo itandukanye, bose bakaba bahurira ku kurondera iterambere ry’igihugu, nk’uko bishikirizwa na Elvis KWIZERA, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe AJDS.

JPEG - 25 ko
Elvis KWIZERA, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe AJDS

Urwo rwaruka rwipfuza gukorera hamwe kugira rutore umuti w’ibibazo bihanze abahejeje amashure, ariko bakaba bugarijwe n’ubukene kubera kubura akazi, ivyo bikaba gutyo mu gihe abavyeyi n’imiryango yabo yabarihiye ibitagira uko bingana kugira baronke ubumenyi butandukanye, amaherezo akaba kubura ico bakoresha impamyabushobozi baronse.

Elvis KWIZERA arongoye ishirahamwe AJDS (Association des Jeunes pour le Développement Socio-économique) amenyesha ko urwo rwaruka rwahisemwo gusohora amaboko kugira rwikorere imigambi itanga ubuzi. Basaba Reta hamwe n’amashirahamwe yaba mpuzamakungu canke ayakorera mu Burundi, ko bobashigikira muri iyo migambi bihaye, babafashe gutegura kazoza kuko aribo Burundi bw’ejo. Urwo rwaruka rwiyemeje ko mu migambi y’iterambere igiye gushirwaho, ubuzi buzotangwa ata nkunzi, bakazokorana neza n’abazobafata mu mugongo, mu gushira imbere iterambere rya bose n’iry’igihugu.

Mu bikorwa vy’iterambere bazoshira imbere, Elvis Kwizera aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe AJDS amenyesha ko bizovana n’ibikenewe mu makomine n’intara iryo shirahamwe ririmwo, ivyihurirwa mu gihe boronka uburyo akaba ari ukwugurura amazu y’ubudandaji.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nubwo atacondabahaye ariko ndabakeje kandi ndabashigikiye kandi harihigihe wosanga hariho iconzobaha. mwirambire.

  • Muvandimwe wacu, Elvis, hamwe n abari mw Ishirahamwe AJDS,

    Nagira ndabakeze cane kuri ico gikorwa ciza cane mukoze mu kwiyunga mw Ishirahamwe AJDS. Bukebuke uko nyene ni ko Urwaruka rw Uburundi ruzoza ruratorera inyishu ibibazo rufise.
    Hamwe n ivyo, twagira tubonereho kubamenyesha ko hariho akazi kenshi cane kabarindiriye muri kino gihe, kakaba katariko karakorwa mu Mashure Shingiro (Ecoles Fondamentales) nka yose mu Burundi. Ako kazi si akandi, ni AKO KUBA ABIGISHA B ICIGWA C UMUZIKI mu myaka y indwi n iy umunani n iy icenda.

    Ivyo biri mu vyatumye Ishure ry Ubuhinga bw Umuziki, INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, rishigikiwe n Ubushikiranganji bw Urwaruka, Inkino n Imico Kama, rigiye kwugurura mu kwezi kwa gatatu kugiye gutangura, irindi Shami ryaryo mu gisagara ca Bujumbura, kugira ryorohereze benshi bifuza kwiga Ubuhinga bw Umuziki n ingene wigishwa mu mashure, baronke ako karyo. Ishami ry i Gitega ryo risanzwe ryaratanguye gukora kuva mu kwezi kw icenda mu mwaka uheze, rizosohora abahinga ba mbere mu Muziki mu kwezi kw indwi kw uno mwaka, duce twinjiza uwundi murwi.

    Muri kino gihe rero, Ishami ry i Bujumbura ririko rirakira abiyandikisha, bazoheza bakiga amezi icenda bagaca bahabwa DIPLOME DE MAITRE DE SOLFEGE na MAITRE DE PIANO. Abavyifuza bazoshobora kubandanya bige imyaka itatu (3), baheze bahabwe impamyabushobozi yisumbuye yitwa DIPLOME D INSTRUCTEUR EN MUSIQUE.

    Institut de Musicologie yakira abahejeje Amashure yisumbuye n abayarenza. Mu Burundi bwose dufise amashure Shingiro yababa ibihumbi bitatu (3000). Ayo yose arakeneye n imiburiburi umwigisha umwe umwe afise impamyabushobozi muvy Umuziki. Hamwe hoboneka Abarundi bize ubwo buhinga bw Umuziki n ingene wigishwa, TURAZI NEZA KO LETA ITOBURA KUBAHA AKAZI KO KUVYIGISHA, mbere N’INAMA NSHINGAMATEKA NTIYOBURA KUBASHIGIKIRA.
    MURAKOZE CANE.
    Uwifuza kubaza ivyo kwiyandikisha, yotelefona canke akandikira:

    Musenyeri, Justin BARANSANANIKIYE
    Directeur de L INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
    B.P. 197 GITEGA
    Tel : 79 877 097 canke 77 758 123
    Email : [email protected]

  • muze mwame uko mutey intege batoya banyu natwe tugy kugendr irag ryanyu ntitwige dutez amaboko igihug hubw twig tuze dukor ivyacu maz dutez imber igihugu ni miryang yacu ndets nabandi beshi bamerew nabi ntiwibagr aho wavuy ufash uwund kuk naw utaz uwuzogufasha murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.