Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwaruka rwo muri ADC Ikibiri rwasubiye guta ibiganiro hagati - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Urwaruka rwo muri ADC Ikibiri rwasubiye guta ibiganiro hagati

Urwaruka rwo muri ADC Ikibiri rwasubiye guta ibiganiro hagati

jeudi 26 Ruheshi 2014

Ibiganiro vyari vyatumweko n’ibiro vy’umuhuza w’Abarundi Mohamed Rukara ntivyashoboye kubandanya birimwo bose, urwaruka ruhurikiye mu runani ADC Ikibiri rukaba rwaciye rusohoka.

Donatien Kwizera yaserukiye urwaruka rwa ADC Ikibiri

Abo bari baserukiye imigambwe itavuga rumwe na Reta bakagiriza ibiro vy’umuhuza, kuba no mu nama yabatumiyemwo ubwa mbere yasohoye urwandiko rutumvikanyweko na bose. Ikindi kibabaza urwaruka rwo mu runani ADC Ikibiri, akaba ari ipfungwa ry’umunywanyi wa MSD Roger Muhizi, ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba kandi yavanywe mu bitaro atarakira akajanwa gupfungwa. Donatien Kwizera yaserukiye urwo rwaruka rwo mu Kibiri yamenyesheje ko batari gushobora kuguma mu bikorwa vy’iyo nama, mu gihe basavye n’ijambo bakaribima bakiri mu nyubakwa y’ibikorwa.

Mu biro vy’umuhuza rero bavuga ko iyo nama idashobora guhagarara kubera umurwi umwe wasohotse. Didace Sunzu umwe mu bavugizi b’umuhuza Mohamed Rukara, akaba yabariye abamenyeshamakuru ko ari mu ntwaro rusangi, atawobuza umuntu yanse gukurikirana inama. Ariko akavuga ko icegeranyo catanzwe ubwa mbere na Jerome Ndiho, umuvugizi w’umuhuza w’abarundi ari icegeranyo cavuye mu bikorwa vyari vyabaye, kandi vyarimwo n’abo bo muri ADC Ikibiri.

Didace Sunzu umuvugizi w'umuhuza w'Abarundi

Didace Sunzu avuga ko umuhuza w’abarundi atari sentare, canke igiporisi kugira ashobore kubuza Roger Muhizi gukurikiranwa n’ubutungane bumukeneye. Mwomenya ko ivyo bikorwa vyari vyatumiwemwo bamwe mu bashingamateka, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abaserukira Reta, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike, abaserukira amashengero, abarongoye imigambwe, abaserukira urwaruka ruri mu migambwe, n’abandi. Urwaruka rwo mu migambwe rwari rwatumiwe mu biganiro vy’ukurabirahamwe ingene abadahuza ivyiyumviro vya poritike bobana mu mahoro, bose bakubaka igihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • REKE KUBEMBEREZA IZO MPWERUME, ZIREKE ZIJE KUBANDANYA UMUGAMBI WO GUTURIRA AMASOKO, NGO NIHO AMATORA ATAZOBA!!!!!!!!!! MURIHENDA UWUZOWUCANA BAZOWUMUZIMIRIZAKO!!!!!!

  • Mwa bana ni mutekereze ntimuzi ivyo mukora raba ababahenda bose babahenda bari mu mahanga! Mugenzi wanyu Roger murabona ivyo yimbuye. Ntawobishika igihugu kizobandanya gukora n’ababishaka ntimuri inzoya aho barinda kubinginga

  • Uvuze neza mutama. Reka ivyo birofa vyabana bo muri adc bikomeze gucira inkonda. Amahoro dufise ntabwo yabonetse kwisahani yumujumpu. Yaguzwe amaraso yabenegihugu benshi. Nico gituma nizeye neza ko izo ntozo zitazigera zidusubiza inyuma. Mbe ngo bose babemerera ubu ministre nubu depute ikibiri nicatsinda? Basonze bigumye

  • Nabo barimu kibiri sabana kuberivyo ingo yafashwe irakwiye

  • Ico kijuju Levis ntimwavuze ko muziturira ngo kugira mutwubakire iza kijambere.Murahumba sha twarabahinyuye.

  • Uwo yiyita Sihondi nakarundi?ivyo nivyo kiyandikira!

  • nn mwebwe gamwagwaruka mwarimuzi ko muhadi arumuhuza wabarundi?mwariheze uwonuwab,dd sinumva ningene mutumwanya mutura ivyiyumviro.ninzoka imwe ntaho mwagiye

  • Sihondi biraboneka neza ko atariho uri kuko uvuga nkuwutarezwe.ndumva wewe warakoze amatohoza bashengeze none ko uzi ko aribo baziturira!ndakwibutse muza 98 abasoda barica umunyagihugu baca bamwambika impuzu zigisoda bakamushira inkoho kuruhande RTNB ikaciza gufata amasanamu ngo numu Asaya bishe none nawe nivyo ukibamwo.mwibagira ningoga

  • Rukara nabe aririra amafranga y’iguhugu n’imfashanyo zitangwa n’amakungu naho ivyo GUHUZA s’ico kimuraje ishinga!Ikizwi co n’uko uyo bita ngo ni umuhuza ari mu bantu bazingamitse igihugu c’uburundi.

  • Kunyemerera mkundu mavi hayatoki, ubwiriz’uwurya ng’uramusavye,abasara nibasare mais umugambiw’amahoro ni ntabanduka kuko abagomb’intambara ntibashika na 15%ntimugir’ubwoba tegur’amatora azir’utunenge, vyanka bikunda, kuneza, kunabi, amahoro ategerezwa kwiganza mugihugu cacu,twipfuza kuj’imbere ,k’urugero rw’abandi,dusenger’Igihugu Imana Nyen’amahoro ikirind’amabi iyo yoturuka hose, urwo rwaruka rugumuka tuzoruhemba muri 2016 rutegerezwakuja kuri ddiscipline, vyanka bikunda kuneza canke kunabi, kukw’inzu kunzu turabazi, agasozi kintahanurwa ....?wanka bangwe....?umunana w’isema....?inyenzi y’isema....?amaherezo y’inzira..... ?IMBWA YIRENGAGIZ’ICAVU ARIYO NDARIRO ni bagumuke babite bazipfuza kubijamwo atawubakira. Kuk’umurindi w’inkoko....?Umurindi w’umusaza urind’uhera. Uwondusha naheraheze utwotugani murakenuyendakoze yakoz’ishano nka NKURUNZIZA CClément na Vache ntibagiye MADIRISHA Willy.

  • sigaho kuko vyose birazwi Rukara gwa Bisingwe nu umuhuza kuko ahuza aba DD nai IMBONERAKURE mubuzwa niki kutemera ko ari umuhuza?ntakinyegezwa reka gusarara uwuzowucana azowota. ntanumwe yarazi ko Bagaza yoba umusimbe none umugore wiwe arihe?Buyoya yicaye atazi amabi yakoze muri Ntega na Marangara arihoreye kandi ntawudyogora,Buyoya ntazi neza ko ariwe yateguye abateye Ntibantunganya amavyi,na Rukara abikora kuko azi neza koa ataco bizomutwara kuko na abandi baridegemvya.Reka kurekereza inkonda ngo harivyo muri kwandika.

  • REKA AKAGUMA MWA BAHUTU MWE KO MURI MAMWE MUPFA IKI ,,KORA ITERAMBERE MWEMEYE

  • REKA AKAGUMA MWA BAHUTU MWE KO MURI MAMWE MUPFA IKI ,,KORA ITERAMBERE MWEMEYE

  • Ahubwo mwese mwivugira ayamuhe ,ntabwo mukomeye mumitwe iwanyu,ijambo rifiswe nabanyagihugu batobato,bariya bibera hariya mucaro ruguru,nimba mubandanya muborogera ngaha mugisagara honyene kabananiye,muzumigwa muri2015,muzogwa mugahundwe basha,

  • @Karikurubu, Bagaza na Buyoya ntawabakozeko kubera reta ihari ntikorera kunzigo yakazikira, wibukeko mubihe abarundi i bere ryariryayaze uwari umuhuza yari umuhisi Mandera, Uwo Mandera yarigeze gufungwa imwaka irenga mirongwibiri, ariko amazegufungurwa agahabwa kubumukuru wigihugu ntiyibanze mukubangamira ab amugiriye nabi gushika nahatabwa muri gereza, ahubwo yabifurije ko bokorana mugutezimbere igihugu kugira barabeko umwanya watakaye barimundryane bawirihe mukwubaka igihugu atari kwihorana nicogituma uyumusi igihgu ca South Africa kirimubihuguvyambere bikize muri Africa, ariko iyo Mandera yashirimbere ivyokwihorana igihugu ki bacarasubiyinyuma, Ntawomenyareroko iyi reta yuburundi ihari uyumuko ko yoba nayo yifuzako abarundibose batofatwanabi bazira ivyobikekwako vyabaye murikahise ivyoyitwararitse nejo hagiyekuza, ahubwowewe urikurashaka kwivugisha ayamuhe niwewe bazocakira ba Bagaza na Buyoya biraramiye harya.Abobabagaza na Buyoya turaziko bimwe muvyobakoze bitarivyiza , ariko uyumusi hariho ibitaribike b ariko barafasha igihugu mukugitezimbere abarundi ngo: ikimuga gisumbimva, Nagombakukubwirako ingumvuzokubaboha ntizabuze, kandi umuntuwese afisiciyumviro cokwibazako ashikiriye ubutegetsi yocababoha’ Imana izomuturinda ibicishije mubarundinyene kandabafise ivyiyumviro nkivyo ntibazonduterana umutaru cambu ca nyenicubahiro umukuru wigihugu cacu Pierre Nkurunziza

  • Jewe NKunze Kwibaza? Reka Mpindure NKubaze? Ko ABa Biyita ABategetsi B’uburundi Bigera Hasi Hejuru NGo Batunganya IBiganiro Murwaruka Niko Koko AMatora Yibwa Nurwaruka? Eheeee!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.