IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwego rw’abashingwamanza bashigikiye ishigwaho ry’ikigega co gufasha (...)

Urwego rw’abashingwamanza bashigikiye ishigwaho ry’ikigega co gufasha abashikiwe n’ivyago

vendredi 1er Ruhuhuma 2013

Inyuma yaho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye,urwego rw’abashingwamanza rwifatanije n’abarundi mwitangazo ryashizwe ahabona n’umukuru w’urwo rwego umushingwamanza Isidore Rufyikiri.

Umushingwamanza Rufyikiri Isidore akaba yamenyesheje ko bashigikiye ishigwaho ry’ikigega co gufasha abashikiwe n’ivyago ibintu vyabo bigahitanwa n’umuriro .Arasaba kandi Leta ko yokura icigwa kuvyashitse kugirango ifate ingingo zose zishoboka kugirango abanyagihugu n’ivyabo bakingigwe.

Isidore Rufyikiri asanzwe ariwe aburanira Hilaire Ndayizamba umwe mubagirizwa urupfu rwa Ernest Manirumva yahoze ari icegera c’uwurongoye OLUCOME, avugako uwo aburanira yarenganijwe kuko ngo sentare yaciye urubanza idafise ivyemezo bigaragara.

Ngo ariteguye rero kwunguruza urubanza , be n’uwo aburanira barindiriye ko imisi 60 itegekanijwe inyuma yuko urubanza ruba rwasomwe ihera kugirango bashobore kwunguruza urubanza.Hilaire Ndayizamba sentare ikaba yamuciriye urubanza rwo guherayo.

Ivyo umushingwamanza Rufyikiri akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyesha makuru, kwigenekerezo rya 31 Nzero 2013.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.