Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Utuganuke dushimishije twateguwe n’ibanki ECOBANK yo mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Utuganuke dushimishije twateguwe n’ibanki ECOBANK yo mu Burundi

Utuganuke dushimishije twateguwe n’ibanki ECOBANK yo mu Burundi

mardi 25 Ruheshi 2013

Kuronka utuganuke ni ibintu bihimbara abantu. Ibanki ECOBANK ikorera hano mu gihugu c’Uburundi yarateguye utuganuke ku bantu bose bipfuza kuja mw’ihiganwa ryo gutsindira ipikipiki n’utundi tuganuke dutandukanye, nk’ imboneshakure nini nini, amamashini y’inyabwonko, itike y’indege iva hano i Bujumbura ija mu gihugu ca Kenya mu gisagara ca Nairobi ikanakugarukana, amaterefone agezweho, eka n,ibindi.

Aho mwohava mwibaza igisabwa kugira mushobore kuja mu mahirwe yo gutsindira utwo tuganuke twateguwe n’ibanki ECOBANK . Igisabwa ca mbere n’uko woba ufise ikonte y’amahera muri iyo banki, ku muntu atayigira naho, bakamusaba kuyuguruza, ivyo navyo bikaba bimusaba gusa amafaranga ibihumbi 50 vy’amafaranga y’amarundi.

Muti : "Kugira gusa ikonte y’ububiko muri ECOBANK vyoba bikwiye kugira umuntu aje mu mahirwe yo gutsindira utuganuke twateguwe? Habe namba, kugira umuntu aronke amahirwe yo gutsindira utuganuke dutandukanye twateguwe bisaba ko uwufise konte yiwe mw’ibanki ECOBANK ashira amafaranga kuri iyo konte kuva ku bihumbi 150 kuduga bivanye n’igitigiri c’amatike ashaka kuronka kuko ari nayo azomutuma aja mu mahirwe yo kuronka utuganuke dutandukanye.

Ivyo vy’amatike bikaba bitondekanije uku gukurikira:

Uwushize kw’ikonte yiwe kuva ku mafaranga ibihumbi 150 gushika ku bihumbi 999 999 y’amarundi canke y’amadorare mugabo ntayakureko imbere y’amazi atatu, aronka itike 1 yo kuja mw’ihiganwa y’abatsindira utuganuke.

Uwushize kw’ikonte kuva ku muriyoni 1 gushika ku miriyoni 499 999 y’amarundi canke y’amadorari aronka amatike ashika kuri 5.

Kuva ku miliyoni 5 gushika ku miliyoni 10 y’amafaranga y’amarundi canke y’amadorari aronka amatike 10.

Uko umunywanyi ashirako kw’ikonte amafaranga menshi, niko agira n’amahirwe yo kuronka amatike menshi kugira agire utuganuke dutandukanye.
Ibanki ECOBANK ikaba yari yabiteguye mu ntumbero yo guhimiriza abanywanyi bayo kubitsa amahera menshi ku ma konte yabo, igahamagarira n’abandi bataruguruza ama konte kuza kuyuguruza kugira nabo bashore kuja mu mahirwe yo gutsindira utuganuke dutandukanye yabateguriye.

Ayo mahiganwa akaba yatanguye kuva kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi 2013, akazohera igenekereza rya 31 Kigarama 2013. Igice ca mbere co kumenya abaronse amahirwe yo gutsindira utuganuke twateguwe kikazoba kw’igenekerezo rya 9 Gitugutu 2013, igice ca kabiri arico ca nyuma naco kibe mu mpera z’ukwezi kwa Nzero ku mwaka w’2014. Ibirori vyo kumenya abazoba batsinze bikazoshobora gukurikiranwa no ku mboneshakure y’igihugu c’Uburundi.

Mwomenya ko ayo mahiganwa ariko abera ku mabanki yose ya ECOBANK akorera hano mu gisagara ca Bujumbura, eka no mu ntara zo hagati mu gihugu.
Ibanki ECOBANK ihamagarira abantu bose kwitabira ako kamo ibateye kugire baronke amahirwe yo gutsindira utuganuke yabateguriye.


Mariella Bukuru

Messages

  • jewe ndashimye cane kubonamwariyunviriye gutegurarira ivyobintu mugihugu camavukiro cacu.jewensanzwe ndihanze yigihugu none noshikirwa gute mwutwotuganuke kandi nsanzwe ndumunywanyiwanyu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.