IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwahora aserukira Ubufaransa mu Burundi yasezeye umukuru w’igihugu

Uwahora aserukira Ubufaransa mu Burundi yasezeye umukuru w’igihugu

jeudi 3 Gitugutu 2013

Uwuserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi Jean Lamy arabandanya ibikorwa vyo gusezera abatwara Uburundi, inyuma y’aho ikiringo ciwe kirangiriye. Jean Lamy mu gatondo ku kuri uyu wa kane akaba yamye gusezera umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.
Mu mubonano Petero Nkurunziza yamuhaye, Jean Lamy yahora aserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi yamenyesheje ko ashima ingene yakoranye na Leta y’Uburundi, akaba yiyemeje kuzokwama yibuka Uburundi mu yandi mabanga agiye gishingwa.

Jean Lamy yahora aserukira Ubufaransa mu Burundi yatanguye ayo mabanga haraheze imyaka itatu. Mu mubonano wamuhuje n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bariko barasezerana, bagarutse ku bikorwa ubuserukizi bw’Ubufaransa bwaranguye mu Burundi, imigenderanire n’ugufashanya vyaranze ivyo bihugu vyompi, vyongera bishimangirwa n’urugendo umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yagize mu gisagara ca Paris.

JPEG - 39.1 ko
Jean Lamy yahora aserukira Ubufaransa mu Burundi

Igihugu c’Ubufaransa carafashije mu bikorwa vyo gutegura no kurungika ingabo z’abasirikare n’abapolisi b’abarundi baja guhagararira amahoro mu bihugu biri mu ntureka. Jean Lamy akamenyesha ko ivyo babikoze mu kwerekana ko bazi uruhara rw’Uburundi mukugarukana amahoro, haba mu karere canke ahandi hose yahungabanye. Uwo yahora aserukira Ubufaransa mu Burundi yamenyesheje ko igihugu ciwe kigiye kurungika abahinga b’abasirikare b’abafaransa bazoza gufasha gutegura abasirikare b’abarundi bazorungikwa mu gihugu ca Centrafrika.

Mu gihe ishure ry’igipolisi riri i Bubanza ryubatswe ku mfashanyo y’ubuserukizi bw’Ubufaransa mu Burundi, Jean Lamy yamenyesheje ko azokwifadikanya n’umukuru w’igihugu hamwe n’abandi bategetsi ku munsi w’ejo kuwa gatanu mu birori vyo gutanga impapuro z’umutsindo ku mikangara ya mbere isohowe n’iryo shure.

JPEG - 42.5 ko
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahaye akaganuke Jean Lamy

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.