Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwundi mugambwe widogera Edouard Nduwimana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Uwundi mugambwe widogera Edouard Nduwimana

Uwundi mugambwe widogera Edouard Nduwimana

mardi 4 Munyonyo 2014

Ingeso yeze yo gushwanyagura imigambwe igahabwa abandi kandi beneyo basemerera iriyamirizwa na Karumba Joseph mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru.

Bamwe mu kwakwa imigambwe bagirijwe ko bayitaye barahunga, abandi amategeko yisunzwe mu gutotezwa bakwa uburenganzira bwo kurongora imigambwe yabo burabura, muri abo harimwo uwuvuga ko akirongoye umugambwe FROLINA ariwe Karumba Joseph, nk’uko yabibwiye abamenyeshamakuru.

Muri ico kiganiro, Karumba akavuga ko uwitwa Ndayiragije Adrien yagenywe n’umushikiranganji Edouard Nduwimana kugira arongore umugambwe FROLINA kandi amategeko adakurikijwe. Uwo mukuru w’uyo mugambwe agatanganzwa n’ingene umugambwe ushobora kwakwa abawuguye inyuma imyaka n’imyaka, ugahabwa umuntu amategeko adakurikijwe.

Karumba Joseph akavuga ko bamaze kwandika amakete menshi, amwe bandikira umukuru w’igihugu, ayandi bandikira umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ariko atanyishu bigeze baronswa. Ubu aho ibintu bigeze, bakabona ko ari ingendo yatowe n’ubutegetsi yo kwaka imigambwe ba nyeyo igahabwa bantu kugira hashikwe ku nyungu za bamwe n’abandi.

Uwo yemeza ko ariwe akirongoye umugambwe Mbohozabarundi FROLINA agasaba kizigenza, gukosora amakosa akorwa n’umushikiranganji Edouard Nduwimana mu gusambura imigambwe, ihabwa abantu kandi bidaciye mu mategeko. Agasaba ko yosubizwa umugambwe wiwe kugira aze ahiganwe mu bandi muri aya matora yo mu mwaka w’2015.


Aristide Nizigire

Messages

  • Aba dd je sindabumva! umutama nkuwo ata kosa yagirizwa yahunze kuva muri 72 agiye no kurwanira igihugu uno munsi harageze ko bamwigiza inyuama aho bomuretse nawe akaruhuka neza bamwake umugambwe emwe aba dd bamenye ko nabo bazova ku butegetsi ivyo bivye bishikirizwe igihugu amakungu arorera .Mutama Karumba nimumuhe umugmbwe wiwe!!!!

  • Emwe DD nayo yaritonz ngwibone!ati utanze ugutwi baryana numutwe!Florina nawo ngo numugambwe?numuryangowumuntu nyabuna!uwo biburiy ngwibirago biranyerera!ahubwo iyo DD ifuta ubwo bugambwe bwose bwamafuti!!!

  • Emwe DD nayo yaritonz ngwibone!ati utanze ugutwi baryana numutwe!Florina nawo ngo numugambwe?numuryangowumuntu nyabuna!uwo biburiy ngwibirago biranyerera!ahubwo iyo DD ifuta ubwo bugambwe bwose bwamafuti!!!

  • Ahubwo jeho mbona hakiri omigambwe y’urukoro! Kubwanje hari hakwiye Umugambwe umwe gusa!!

  • Uwo niwe Karumba?Emwe, yari yaracereje naho yokwitoza kuba Musitanteri sinomumenye!

  • Ni Haba habahariho lmigambwe mu Burundi Frolina niwomugambwe Ufise Ijunja na kahise ka politike kurusha iyindi. Mutama Joseph Karumba Komera Harigihe Uburu n’abarundi Bazokwirondez.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.