Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwuzotsindira ihiganwa "Isanganiro Awards" agiye kumenyekana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Uwuzotsindira ihiganwa "Isanganiro Awards" agiye kumenyekana (...)

Uwuzotsindira ihiganwa "Isanganiro Awards" agiye kumenyekana vuba

jeudi 19 Ruheshi 2014

Ihiganwa ryo gutora ururirimbo ruhariwe umwaka w’2014 muri "Isanganiro Awards 2014" rigiye kurangira. Abaririmvyi bamaze gutahukana ako gashimwe bazoba bari mu birori vyo gutanga agashimwe, eka n’abandi baririmvyi baratumiwe.

Kuri uwu w’Imana w’igenekerezo rya 22 Ruheshi, hazohabwa agashimwe kitiriwe "Isanganiro Awards 2014" ku ncuro ya 4. Ako gashimwe kazohabwa ururirimbo rumwe muri 10 rwatorewe guharirwa umwaka w’2014. Hatumiwe kandi abaririmvyi bose bafise indirimbo 20 zagiye mw’ihiganwa naho hashoboye gutorwamwo 10 gusa.
Kiretse abaririmvyi bari mu mahanga. Iruhande yabo, hazoba hari n’abaririmvyi bazoza guteramisha muri ico giteramo c’agakura. Bamwe muri abo, ni Nkombozi, Rally Jo na Yoya bamaze gutwara ako gashimwe. Abandi ni Prophète voice, Annick Kabatesi, Davi Tunga, Wawa, Chris na Junior, Yves Koll na Prince Yell, Kid’s Song na Gerard Nzoyisaba.

Ico giteramo kizobera mu kigo ndangakaranga (Musée Vivant) kuva igihe c’isaha icenda z’umuhingamo (15h00) gushika isaha cumi na zibiri z’ijoro (18h00). Kwinjira ni amafaranga igihumbi y’amarundi (1000fr).

Amazina y’abaririmvyi n’indirimbo zabo ziri mw’ihiganwa n’amanota yatanzwe ku ruririmbo rwose :

1. Wawundi by Emery sun 71.4%

2. Reka mbege by Sat b 68.3%

3. Yuguruye ntwawugara 71.5%

4.Ndasavye ijambo 69.4%

5. Siko nabisanze by Spok’s 70.6%

6. Agapilipili by Steven Sogo 68.9%

7. Urashoboye 79.2%

8. Bajou by Fizzo 73.1%

9. Sinkakubure by Samantha 75.8%

10. Izere by lion story 76%


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.