IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU mu rugendo i Bujumbura

Icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU mu rugendo i Bujumbura

mardi 9 Kigarama 2014

Jeffrey Feltman, icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe ibibazo vya poritike, aritezwe i Bujumbura kuri uwu wa gatatu, mu rugendo rw’iminsi ibiri. Muri urwo rugendo, azohagarikira kuri uwu wa gatanu ibirori vy’ugusozera ibikorwa vya BNUB mu Burundi.

Ku ncuro igira kabiri agendeye Uburundi (yaheruka mu Burundi kuri Ruhuhuma 2013) Jeffrey Feltman, icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe ibibazo vya poritike yitezwe i Bujumbura kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 10 Kigarama 2014, umunsi isi nzima izoba iriko ihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu. Mu minsi ibiri azomara mu Burundi, Jeffrey Feltman azobonana n’abategetsi batandukanye b’Uburundi, akaba kandi azokwitaba inama izohuza Reta y’Uburundi n’abasanzwe bayifasha, inama izoba ku magenekerezo ya 11 na 12 Kigarama 2014.

Imbere y’uko asozera urwo rugendo rwiwe, Jeffrey Feltman, ari kumwe na Laurent Kavakure, umushkiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, azohagarikira kuri uwu wa gatanu ibirori vy’ugusozera ibikorwa vya BNUB mu Burundi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.