IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Vital NSHIMIRIMANA arabeshuza ubutumwa buvuga ko yasibije akamo yateye (...)

Vital NSHIMIRIMANA arabeshuza ubutumwa buvuga ko yasibije akamo yateye abanyagihugu

jeudi 2 Ndamukiza 2015, par Egide N

Umukuru w’urunani FORSC arabeshuza ubutumwa buriko bukwiragizwa kw’izina ryiwe, ku mihora ngurukanabumenyi, buvuga ko yasibije akamo yari yateye abadashikigiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, ko bovuza amahoni kuri uwu wa kane igihe c’isaha zitandatu n’iminota mirongo ibiri (12h20).

Mu gihe amashirahamwe ari mu rugamba rwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ahamagarira abanyagihugu bose badashigikiye ico kiringo, kubigaragaza kuri uwu wa kane, mu kuvuza amahoni (Klaxon), amakengeri, amasafuriya, amasahani, hamwe n’ibindi kuri uwu wa kane, hari ubutumwa buriko burakwiragizwa ku mihora ngurukanabumenyi (WhatsApp na Facebook), bwanditse kw’izina rya Vital Nshimirimana, umukuru w’urunani FORSC, buvuga ko ako kamo kahagaritswe. Ubwo butumwa bugira buti : "Kubera twasanze twakoresheje imvugo ndenzarugero mu kuvuga umukuru w’igihugu kandi ari urwego, kubera kandi twamenye ko police iza guca amande imiduga yose n’ibindi bigenda vyitavye akamo, turamenyesheje dushimitse abarundi n’abanyamahanga baba mu gisagara ca Bujumbura ko akamo twabateye ko kuvuza amahoni uyu munsi igihe c’isaha 12h20 ko bitakibaye, vyungururijwe ku wundi munsi tuzobamenyesha. Kubw’amashirahamwe yiyemeje kurwanya ikiringo ca 3 ca Peter Nkurunziza. Vital Nshimirimana, umukuru wa FORSC."

PNG - 650.1 ko
Vital Nshimirimana, arongoye urunani FORSC

Tukimenya ubwo butumwa, ikinyamakuru IGIHE carondeye Vital NSHIMIRIMANA kugira atange umuco kuri ubwo butumwa buriko buramwitirirwa. Uwo arongoye FORSC arabeshuza ubwo butumwa bwamwitiriwe, akamenyesha ko ico gikorwa kiza kuba ukuri kwamye igihe c’isaha zitandatu n’iminota mirongo ibiri (12h20). Vital NSHIMIRIMANA amenyesha ko yamaze kumenya ko ubwo butumwa buriko bukwiragizwa n’abakozi bo mu biro vy’umukuru w’igihugu, agasaba abanyagihugu ko batosamazwa n’ubwo butumwa.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mbe uwo muntu ashaka kugumura igihugu cibereye mu mutekano ntangere ni nde? Guhamagarira igisoda n’igipolisi ngo berekane aho bahagaze ni iciyumviro kibi cane. Igisoda n’igipolisi ni inzega national. Izo nzego ntizikorera ku ntumbero y’abashaka kwubakira ku ruhagarara. Ahubwo zijejwe gucungera umutekano w’uburundi n’ababubamwo bose. Uwo ariwe wese ahamagarira bene Burundi mu ruhagarara, yotegerezwa kubibazwa neza n’abajejwe umutekano, mu maguru masha imbere y’uko ako kamo gatera akaguma n’ibindi....

  • Mr B abarundi twaraciyubwe uzuhende Nyoko atize reka rero gusamaza abarundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.