IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingwamanza bane basabiwe gukurwa muri urwo rwego

Abashingwamanza bane basabiwe gukurwa muri urwo rwego

jeudi 4 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, Valentin BAGORIKUNDA, aheruka kwandikira umukuru w’urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura, amusaba ko yokura mu rwego rw’abashingamanza abashingwamanza bane bakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi.

Abo basabiwe gukurwa kuri urwo rwego ni Vital NSHIMIRIMANA, Armel NIYONGERE, Dieudonne BASHIRAHISHIZE, hamwe na Lambert NIGARURA. Abo bashingwamanza bagirizwa n’ubutungane bw’Uburundi ko bagize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, bamwe muribo mbere bakaba hariho imitahe y’ukubahagarika.

PNG - 444.8 ko
Vital NSHIMIRIMANA

Bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bavuga ko abo bashingwamanza boba bariko bazira ko aribo babandanya kwegeranya ibirego bishikirizwa sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye, hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ku bugizi bwa nabi bwibonekeza mu Burundi. Umwe muribo, umushingwamanza, Armel NIYONGERE, asanzwe ari mu bari bitavye ibiganiro bihuza Abarundi vyari vyatumweko i Arusha, yarahatswe gutabwa muri yompi n’igiporisi ca Tanzaniya, inyuma y’aho abaserukiye Reta y’Uburundi mu biganiro bankiye kuganira n’abagize urunani CNARED hamwe n’abari mu mashirahamwe yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.

JPEG - 99.2 ko
Armel NIYONGERE

Armel NIYONGERE hamwe na Pacifique NININAHAZWE bari kumwe basabiwe n’intumwa za Reta ko bohagarikwa, bagashikirizwa ubutungane bw’Uburundi busanzwe bubarondera. Abaporisi ba Tanzaniya bagira bahagarike Armel NIYONGERE, bamusanze imbere y’icumba c’ihoteri yashikiyemwo, ariko uwo mugambi ukaba utashoboye kuja mu ngiro.

JPEG - 17.5 ko
Dieudonné BASHIRAHISHIZE
JPEG - 58.8 ko
Lambert NIGARURA

IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.