Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Willy Nyamitwe : «...Ibiro vy’umukuru w’igihugu ntaruhara rubifisemwo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Willy Nyamitwe : «...Ibiro vy’umukuru w’igihugu ntaruhara rubifisemwo (...)

Willy Nyamitwe : «...Ibiro vy’umukuru w’igihugu ntaruhara rubifisemwo »

samedi 10 Myandagaro 2013

Inyuma yaho yankiwe kubonana n’abayoboke biwe mu kibanza cari categuwe co Kw’iraro, kuri uyu wa 6 Myandagaro, mu gihe yaramaze imyaka itatu ataboneka k’urubuga rwa politike, abanyapolitike batari bake baragize ico babivuzeko, harimwo n’ibiro vy’umukuru w’igihugu.

Mu kiganiro yatanze kw’insamirizi y’ijwi rya Amerika, Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi mu biro vy’umukuru w’igihugu yavuze ati : « Ni vyiza ko abenegihugu bafata ingingo yo gusubira mu gihugu cabibarutse kugira bashire inguvu hamwe, mu ntumbero yo kwubaka igihugu no kuzana amahoro arama». Yongeyeko ati ni naco gituma ibiro vy’umukuru w’igihugu bibandanya bitera akamo abarundi bakiri inyuma y’igihugu, gutahe ataco batinya.

JPEG - 7.5 ko
Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu

Kubijanye naho nuko Agathon Rwasa yankiwe gukoraniriza abayoboke biwe mu kibanza co Kw’iraro, Willy Nyamitwe yavuze ko hategerezwa kuba hariho insiguro kurivyo ariko ko ataruhara na rumwe ibiro vy’umukuru w’igihugu rubifisemwo. Yanasiguye ko yumvise ko umugambwe FNL uzwi n’amategeko ariwo wigiriye gusaba mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko ata nama yobera mu kibanza co Kw’iraro kw’izina rya FNL. Nyamitwe ati : « Ibiro vy’umukuru w’igihugu ntamwanya bifise wo kwinjira mu bikorwa vy’imigambwe».

Willy Nyamitwe akaba yasozereye avuga ko umunyapolitike wese yipfuza kugira ikiganiro ategerezwa kubicisha mu nzira zitegekanijwe n’amategeko y’umugambwe arimwo. Mwokwibuka ko, kugeza ubu, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu budafata Agathon Rwasa nk’umukuru w’umugambwe FNL. Imbere y’amategeko, uwurongoye uwo mugambwe yemewe n’ubwo bushikiranganji akaba ari Emmanuel Miburo.


BUKURU Mariella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.