Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Willy Nyamitwe: ’’Nta bantu bahambwe mu binogo bimwe’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Willy Nyamitwe: ’’Nta bantu bahambwe mu binogo bimwe’’

Willy Nyamitwe: ’’Nta bantu bahambwe mu binogo bimwe’’

jeudi 21 Nzero 2016

Umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Willy Nyamitwe,amenyesha ko ata bantu bahambwe mu binogo bimwe canke ngo abajejwe umutekano bafate abakenyezi ku nguvu.

M kiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika,Willy Nyamitwe yavuze ko mu mico y’ikirundi bisanzwe bizira ko hari abantu bahambwa hamwe canke abajejwe umutekano bakoze icaha co gufata ku nguvu.

Ku bijanye n’ibiganiro bihuza abarundi,Willy Nyamitwe yavuze ko Reta y’Uburundi yiteguye kwitaba ibiganiro ariko bikabera mu Burundi kugira vyitabwe n’abarundi bose kuko aribo begwa n’ikibazo.

Mwomenya ko umurwi w’igihugu ujejwe gutegura ibiganiro bihuza abarundi watanguje ibiganiro ku mugaragaro,kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 19 Nzero 2016 mu ntara ya Kirundo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.