IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Willy Nyamitwe: "Twoja mu ntambara y’ubutunzi hako tuja mu ntambara (...)

Willy Nyamitwe: "Twoja mu ntambara y’ubutunzi hako tuja mu ntambara y’inzego"

dimanche 19 Mukakaro 2015

Umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Willy Nyamitwe amenyesha ko igihugu coja mu ntambara y’ubutunzi hako kija mu ntambara y’inzego n’umutekano.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru i Bruxelles Willy Nyamitwe yavuze ko kwigiza inyuma amatora bidashoboka,naho nyene abafasha Uburundi nk’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya n’Ububirigi basaba kwigiza inyuma amatora kugira babandanye gufasha Uburundi.

Willy Nyamitwe avuga ko Reta izi ico ikora idashobora kwemera ibintu nkivyo bisabwa n’amakungu,kuko ubwigenge bw’igihugu budaharirwako.Willy Nyamitwe yavuze ko abandi bashobora gufasha Uburundi bazoboneka ariko yirinze kubavuga.

Umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu yagiriza ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya kuguma rinumye mu gihe hari urwaruka rwahawe ibirwanisho,kandi hari n’ibitero biriko biraba mu Burundi.

Willy Nyamitwe akibaza ingene ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ataco rivuga kandi bavuga ko bari mu bajejwe gukingira agateka ka zina muntu.Avuga ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryihutira kwagiriza Reta mu gihe abatavuga rumwe na Reta bamaze kwemera ko aribo bakora ibitero.

Ku bijanye no kumenyesha amakuru,Willy Nyamitwe avuga ko umuco uzotangwa n’ubutungane kugira hamenyekane ivyabaye,ku bijanye n’abamenyeshamakuru bahunze avuga ko bahunze kubera ankuru zitarizo,kuko ata nakimwe categuwe co kugirira nabi abamenyeshamakuru.


Van Naris Mugisha

Messages

  • mugumye mukore abandi nabo bavuge,ubwo abanyaburaya babonyeko plans zabo zitarigukunda uko baziteguraga. ariko abarundi tugume IMANA iratuzi hejuru y’amakungu hari UWITEKA.

  • amakungu agomba kutuziza nikel zacu mbegako Gn Leonard Ngendakumana yemeyeko aribo bariko batera ama grenade amakungu harico aravuga?nibagumye izomfashanyo zabo,hako boduta muntambara

  • Komera willy urumugabo wijambo

  • Urakoze cane Nyamitwe gusa ico nokubwira nuko mwomuronderera anti barre ndende cane gose Nkurunziza iyihera kumaguru kugeza kumutwe ubundiho mukaguma mumwambitse iyo ikingira inda n igikiriza ciwe gusa muzoba muhevye amaguru n umutwe vyiwe. mumuronderere niniya nkazimwe mwamwicarikamwo k umusi mukuru wa lndependence aho twibuka imyaka 53 twikukiye. Ubundiho twebwe abasirikare turindiriye lnzamba ivuge ibizokwirikira bazovuga bati harabaye Nkurunziza. hano muri camp muha duhagaze neza eka na camp Ngozi na camp Muzinda nahandi nka camp Rumonge.

  • wirily nyamitw arihanze gukorik duhamakuru ibihuha bivuga karikwivuza yavunitse nivyo koramana igihugu nicimana sicanyu mwe mukiryanira

  • Komera willy!twotuma dukena hako amakungu adufata nkabaja.nibagumy ivyabo.

  • Willy urumugabo wijunja mb ayo makungu ga shigikira ba alex sinduhij itigera ibona yuko reta ikora neza irigumiriza izo fashanyo turab yuko tuzoca dupfa nakar nirira ibijumbu

  • Ariko muranyumvira?ngo twigize inyuma amatora ngo babandanye badufasha.Mw’ijamborimwe badutegeke pour beneficier des miettes.En fait hari ico bataramenya,mbega izo mfashanyo zaribwa na bande?Nyinshi ziribwa nabo twasanze baramaze kugira ayo ma ccoperation n’abanyaburaya,abo nabo ni abatutsi,mbega rero bazihagaritse hahomba nde ko umuhutu gushika uno munsi yibako nibivuye mu maboko yiwe ,et ce qui est etonnant akaba akunda umukuru w’igihugu,turatora dawega izo mfashanyo bace bazigumya,ntituzopfa kuberazo,nayo ababiligi bo meme n’ubufaransa,avec la crise economique on a compris que atari imana z’isi,ubu chinois bwigaruriye amasi,amasociété en echange yo kubaha udufaranga ngo bagabanye ubukene,ubu gereki vyanse,none abumva economie mwonsigurira igituma ababiligi batunzwe na congo bibambira kudufasha kandi turiko tubabwira ngo batuveko?Naho mwompa inyishu,nanje ndashobora kuyiha,bashaka kutugumizako za mburakimazi z’abatutsi ku gakanu pour qu’ils continuent de s’engraisser comme des porcs sur nos épaules,mais comme l’a dit Maggy la rebelle,basta,ababiligi turabiyamye be nabo batudandajemwo,be nivyo bihutu vyibagira iyo twavuye bigomba kudusubiza inyuma,heureusement ni bike on peut s’en passer,turanse igikolonie c’ababiligi baba wallons niho twanduriye umukoshi,bari gutuma baba aba vlams belang après les allemnds,non utugomba tw’utunebwe nk’abatutsi nitwo baturungikiye,pas de chance pour les hutus,maintenant on doit forcer notre chance,nihagere dutore abakra gouvernemnt de transition tuzohangane twitanguye.Mbega mwoba mwamboneye ciramunda aho mwakuye iyo photo,ce chef de rebellion yashaje umengo ni un vrai clochard,allez vous faire voir tous mushaka kwica no kwicisha abahutu .
    Willy Nyamitwe,tu es jeune et tu fais un boulot magnifique,bandanya abagumyabanga benshi tukuri inyuma,ntucike inkokora,j’admire ingene urinda,abahutu turabuze abantu nkawe,komera,mubandanye mwigisha abana ivyo twakuriyemwo.

  • none ko muguma muvuga menshi kubera amakungu? Ikibazo ndababaze WILLY Nyamitwe nayo makungu muriko muvuga, ninde yabaye uwambere mukurondera uwundi? Ninde yafashe indege agasanga iyo uwundi ari mukugira amubwire ingorane ziwe? Kurivyo rero iyo uriko ukora ikintu, nukumenya ingaruka yaco. Ari iciza witege ko gishobora kuba inyishu nziza canke mbi, iyo ari ikibi, igisigaye aho ,n,ukwigwanako. Abantu bose barakuvako, ugasigara wicuza.

  • Abanyaburaya ntibokwimena amaso kandi aribo bahaye ibirwanisho ba pacifique, Mbonimpa, Rwasa, Minani, Sinduhije n’abandi bicanyi bari kumwe.

    Abanyaburaya ubukolonie bwabo twarabuhinyuye. Ndashimiye Willy Nyamitwe kubona yabasanze iwabo akabihaniza ko batosubira kutwingingira imfashanyo z’uburozi.

  • nukuri urumugabowijunjanijambo abanyaburaya ntacizabashakirauburudi

  • IYO ROFA NGO NEYO NYA
    NICKEL AYIFISE HEHE.
    ARAYISOROMA AYIRYE TURABE.

  • ABO BANYABURAYA NTIBAGIRISONI NIBO BADUTERANYA NIBIKEBUKE BAREKE GUSIGIKIRA ABICANYI

  • Yeah nibahagarika kudufasha hariho abandi bazodufasha. uburundi bugiye kubera akarorero kibindi bihugu vyose bikigendera mu kwaha kwabazungu.
    abarundi twese tuvire hasi rimwe twikureko ayo mashetani adashobora kubaho atariko arasesa amaraso.

  • Mana ndashimiye Nyakwubahwa Willy Nyamitwe kuvyo yavuzevyo. Abobantu ba Bulaya baribakwiye gushavurira kubantu bahaye indaro ariko bakaca basubirinyuma bagakorana nabariko baratera amagrenade nibindibibivyose bibangamira agateka kazinamuntu, kubarero atacobabibonamwo u Bulaya bubifisemwo uruhare. Hakwemera ivyo abatunze bakanabashigikira ababangamira uburundi nabarundi batubwiye two bareka tugahangana nurugamba rwubukene tugaheza tugamorana nabadashigikiye abirigwa baratera amagrenade mubarundi mu Burundi, jewesinarinziko ibihugu vyateyimbere bishoboragushigikira Ko igihugu runaka cobagamirwa nabanturunaka bigeziyo!!! Ariko mugiye kuzotangara mutemeyekutwiyegereza mumagurumashasha turashirimbere izindincuti kandi ntimuzotangare mubonye dufazhizwe mbese tukagumana ijambo nkigihugu cikikiye nkukomubizi.

  • yezu niwe mutabazi akingira banyarucari.nta mu hutu,nta mututsi twese dusangiye igihugu.ibihugu birakeneraniye.mana dutabare!!

  • URI UMUGABO KOMERA URI INKONA NTAKUGUGUMWA

  • mbe mwabanyagihu ntimubona ko muri ibijuju ubu bamw muri mwebw naho mushigikiy nkurunziza ubu muri mwebw hari nabatagira inkweto mugabo ntimushobore kubona ubukene yatwinjijemwo nimba mwariz amashule abapfuyeko nimba atari inda ndend zibatuma mumushigikira

  • Fidelite,kelly Mwodedemba mworeka akase umugaga ntigasibira ikuzimu

  • TWEBWE ABANYA GIHUGU ABANYE PORITEKE NIBAREKE KUDUSAMAZA IYABA TUTABONA AHO UKURI NTITAWARI KWITABA AMATORA NIBAREKETUZOCE URUBANZA KURU WAKABIRI UWUVYANKA NAWE ABE ARAMENYA IYAJE

  • Ni iryambere Willy Nyamitwe ashikiriza ijambo ry’inkoramutima Afrika yose yobwirijwe kugenderako. Ubwo buja abazungu n’ibikoresho vyabo badushizemwo kandi bashaka ko tugumamwo, harageze ko tubankira. Ayo mafaranga nako iryo shano ryabo ni barigumwe. Twibeko dupfa twipfire, dukira twikirire hakuba imbwa woba imva.

    Mbega ko ata mu nyaburaya ndumva avuza urwamo ku kirimgo ca Kagamé canke ku kumata ku butegetsi bwa Museveni. Kanure mwa Barundi mubone. Nkurunziza komera.
    Izo nyankaburundi turazizi. Ninde mu président kuva Uburundi buba Uburundi yari bwubake des infrastutures publiques nk’izihai ubu? On ne change pas une équipe qui gagne. Mu gihe tutarabona uwuza asumva gukora Nkurunziza, nturacamutoye.

    Bamwe ba Ruyfikiri ...batoye ubuja aho gutora ukwishira no kwizana ni bigumire i Buraya ariko abo bakoroni ndazi ko batazobagaburira imyaka yose.

    Vive la liberté et l’indépendance.

  • Ariko abarundi turarushe umuntu umwe niwe aturuhisha imutwe? nareke iyo manda siyiwe ariko yiba abandi. Abandika nabo bandike ibifise ubwenge kuk ejo ntibahazi murakoze.

  • Willy ubwoba bwagufashe!wagiye kubiregurako ngo bigende gute?gumahamwe ntaco utinya!

  • Turatora mardi musidukane n’iyonka gushigikira notre président,iterambere yarariduhaye,ico nama mbaza abatutsi birata ngo barize,mwakoze decouvertes zingana iki?Uwoba yatoye formule pour nous revlutionner qu’il le fasse hanyuma yerekane le fruit de ses activités abe nk’abazungu bo muri afrique du sud,mon oeil,ni amarimi gusa no gusega gusa nivyo bibaraje ishinga et surtout ils ont besoin yo kutubohera ku babiligi nibo bazi igituma natwe turavyanse rero tuveko gusa twitorere umukuru w’igihugu c’est tout uwutamushaka aje i rwanda muri entrainement ou aje muri gouvernement de transition igiye gukorera mu bubiligi bo n’ikindi kintu ca radjabu kugiye gukorera je ne sais pas où,mais ivyo vyose mumenyeko abanyagihugu tuvyiyamirije,nta mu rebelle azoza agwanya peter tuzokwemera aho duherereye naho azoba nde,abafise ivyo bapfa muri cnddfdd arrangez vous ariko mumenyeko tutazoshigikira abatera ingwano naho boba abo twasangiye urugamba gwa kera,debrouillez vous et laissez nous la paix ànous les simples citoyens.

  • None mushaka abarundi bazokwamire mumarushwa imyaka yose? Gerageze mugarure umutima wikigongwe

  • yooo babwire babwire nukuri.asha uru mugabo vraiment pe!!! bakumpere amstel

  • Ico nobwira Nyamitwe na sebuja n’akarwi kabo hamwe n’abagashigikiye bose ni uko ata gihugu ndabona catsinze abanyamerika n’abanyaburaya. Uwo bitumye nta mezi 6 yorenza atarava ku butegetsi. Muvuge make rero kuko na Iran yaremeye ibiganiro, na Russie ishaka ibiganiro sinumva rero ico twebwe abarundi twishimikije. Mutumvise impanuro nta nkeka intambara y’inzego n’amasasu irasutama kandi ntawuzi iyo bizoherera. Imbwa yahiye ku murizo ngo burakeye tuhereke abagabo.

  • uwu muntu nyamitw imyaka iramurembej kweli!! ntacibuka intambara y ubutunzi ic arico"munda harar inzara hakavyuk inzigo" abo bater uburundi nabo niw abazi wenyen, datawanje ayavugw kuri yaradio ngumutekano ni wose, ariko murumvako nyamitw atavyemera.

  • Abo bose bavuga bibuke kwayo banyamitwe bivye bamaze kuyashira mu madolar aho bazoshaka hose bazohaba abasigaye bizoteba kandi bizo tebuka tuzovyumva kumwe

  • Abo bose bavuga bibuke kwayo banyamitwe bivye bamaze kuyashira mu madolar aho bazoshaka hose bazohaba abasigaye bizoteba kandi bizo tebuka tuzovyumva kumwe

  • Abo bose bavuga bibuke kwayo banyamitwe bivye bamaze kuyashira mu madolar aho bazoshaka hose bazohaba abasigaye bizoteba kandi bizo tebuka tuzovyumva kumwe

  • Arik ababagabo baradukund?ark imyak10 ihez murya ntimurahaga?nimb muzohaga ivu basha nimurek gupfa ubusa uwo Imana yatoy niw azotwar ighugu

  • N’ukuri Ur’umugabo Kuko Umugabo W’ukuri Yama Avuga Ukuri.Sivyiza Kuguma Duteze Amaboko Turindiriye Ibiva I Buraya.Uburundi Ni Rwacu Nitwe Tuzotuma Butera Imbere,canke Buja Inyuma.Si Nom Twobura Ubutunzi Hako Tubura Inzego Z’igihugu.Willy Ubarikiwe.

  • Intambara nimbi barundi bene wacu mwibuke ivyabaye 1993-2003,
    twokena kubwa mafaranga mugabo tukaronka abategetsi batowe n abenegihugu bazobandanya gusaba ibihugu bisanzwe bifasha uburundi banagure amasezerano yogufashanya,
    ariko ari intambara nuguhunga,inzara nukurondera uko hosinywa amasezerano yo guhagarika intambara.

  • @ fidelite hewe ntugoye 799..

  • umva bagutoboye amaguru ubu uriko uvuga uko reka akataraza kari munyuma imana izoguhanira hejuru sha ukubesha nibibi nomwijambo riravuga izoguhana uragowe sha bayi nyamitwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.