Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yagirizwa gukwega amaguru mu mugambi wo gusubiza hamwe Abadasigana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Yagirizwa gukwega amaguru mu mugambi wo gusubiza hamwe Abadasigana

Yagirizwa gukwega amaguru mu mugambi wo gusubiza hamwe Abadasigana

mercredi 4 Ruheshi 2014

Intara 15 kuri 17 zigize Uburundi, nizo zandikiye icegera c’uwuserukira UPRONA imbere ya mategeko Concilie Nibigira, kugira hategurwe ikoraniro kaminuza ryoheba rigakura ingorane ziri muri uyo mugambwe.

JPEG - 42.8 ko
Tasiyano Sibomana umuvugizi wa UPRONA ishami rya Karori Nditije

Nk’uko twabishikirijwe na Tasiyano Sibomana umuvugizi wa UPRONA itemwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, havuyemwo intara ya Cibitoke na Karuzi gusa, izindi zose abaziserukira mu ntara, bari batowe mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA basavye ko ikoraniro ryoba kugira amashami yavutse mu mugambwe aje hamwe, ndetse bashobore kwitegurira neza amatora yo mu mwaka w’2015. Ivyo vyose kugira bishoboke, hakaba hotegerejwe kuba ikoraniro ry’Abadasigana bagize komite nkuru yo mu mwaka w’2009, nk’uko vyari vyasabwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Abo banyamabanga ba mbere b’umugambwe UPRONA, bakabona ko umugambwe wabo uzingamitswe na Concilie Nibigira yitwaje ikibanza yashizwemwo na Edouard Nduwimana, nk’uko umuvugizi wa UPRONA ishami rirongowe n’umushingamateka Karori Nditije abivuga. Bagasaba umupfasoni Nibigira, gusubiza agatima mpembero, agakoranya inzego z’umugambwe, Abadasigana nabo basubirane. Atari ivyo, naho, Abadasigana bipfuza ko umugambwe wabo usubirana inzego zawo, bakaba bazoraba izindi nzira bacamwo. Mwomenya ko ikibazo c’umugambwe w’Abadasigana UPRONA kimaze igihe, ndetse hakaba hari na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo, boba barafashije kugira icuka kibe ciza, ariko uyo mupfasoni akagirizwa gukwega amaguru muri uyo mugambi wo gusubiza hamwe kw’Abadasigana, bivanye n’inyungu za bamwe mu baporona bagirizwa gukoreshwa n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD.


Aristide Nizigire

Messages

  • MUFASONI KONSILIYA WOSHAKA WOKWIREKERA KUJA INYUMA YABO BANGUSHI KUKO UBU BAMAZE KUJA MURI ADC-IKIBIRI!!!!!!!! NGIRA WARAVYIBONEYE MURUMONGE. ABATUTSI MURATWAMBITSE IBARA!!!!! UBU RWAGASORE YOZUKA MUBONA YOKWICARANA NA LEONCE CANKE AGATO RWASA???????????????

  • NDABAJIJE UMUDASIGANA YOMPA INYISHU; MBEGA NDITIJE N’UMUHUTU CANKE N’UMUTUTSI ???????? IVYO NINABIMENYA NDIBUVUGE IBINDI. MURAKOZE

  • Monsieur Kabura, nashaka ndakwishure ko Nditije ari umuhutu wo mu ntara ya Bururi

  • Uwuhagarikiwe n’ingwe aravoma!! Hama uwuhagarikiwe n’imbwa agasesa

  • URAKOZE DIDIER KUMBWIRA KO NDITIJE ARI UMUHUTU; NAMUBONYE MURI MITINGI YA SAHWANYA-FRODEBU, NCAMBONA UMUGAMBWE NDIMWO UMENGO WINJIYE MURI ADC-IKIBIRI, NGIRA AGAHUTU KAMUVYUTSE!!!!!! VYUKURI NSANZE WIFATANIJE NABADUHEKUYE MURI 1993 NZOCA NDAWUVAMWO!!!!!! NONE KA DIDIER HARICO UBIZIKO BAGIYEHAMWE NA ADC-IKIBIRI????????????

  • Erega Kabura kuba urya munsi yari mu munsi mukuru wa SAHWANYA Frodebu ntibica bisigura ko ari muri ADC Ikibiri ! None wewe namba uri umu catholique hama umubanyi wawe w’umu musulman akagira umunsi mukuru, kandi akagutumira, ugiyeyo uca witwa umu musulman ???? FRODEBU na UPRONA ni imigambwe ibiri yose yemewe mu gihugu kandi yibaniye mu mahoro ! Kwitaba ubutumire nta caha mbonamwo. N’iyindi migambwe igize umunsi mukuru ihora itumira. Nta kibazo kirimwo, kuko nabonye no mu munsi mukuru wa PARENA, aba FNL niho bari.

  • Yaaa uwakukiryoheje aragarutse agafoto keza udushatsi twiza yee yaaa ziiii wamushingantahe yiyita Mama afise akagore keza pee

  • Ntabuhutu bwa Nditije!nimba ari kumazuru naho,mu mutwe numuhima pure! nta Uprona yoha umuhutu izi neza ngo ayitware kuko inzikira bari nayo(abatutsi, nubwo atari bonse)!Ok Didier!

  • Mbega iki kinyamakuru igihe aba DD bakiguze ryari?kosigaye mbona aribo bonye ngaha kurubuga batuka abantu bose .uwomugore,nawe mwashizeko ifoto aryoshe ncane ,udushatsi, utumwa, udususu, nirya nawe DD nimwigumanire turamubahebeye

  • Abobantu boshaka bokorana ubwitonzi mgusaba ijambo uwo nyakwubawa Concillie, kuko barataye aritorera kandi arabungabunga neza, mwacuze ngo abashikiranganji banyubose ngonibave muri reta bacabarabemerera baravamwo kandimuvyukuri twarabubaha ntitwigeze tubagarariza muvyobadusaba vyose, kuko barabashikiranganji babarundi ntabwo barabashikiranganji bumugambwe, kuko icomukwiyekumenya nuko iyo umugambwe bawusavye umushikiranganji ukaramuka umutanze abaje gukorera abarundibose ntabwabaje gukorera umugambwe umutanze, nicogituma twese abarundi tumwubaha twivuyinyuma. Concillie rero yarafashije bikomeye mukurosa abarundi abashikiranganji bazigukorera abarundi bose kandi turabubaha, Imana niyoyonyene izohemba Concillie nabobarikumwe nayotwebwe abana babantu turabo kuvugango asokoza imishatsi neza ngo turamuhaye aba DD! Jewe ndamuhaye Imana ikomeze kumwongerera imigisha myishi.

  • N’ibazako guterana amajombo ataho vyoshikana igihugu, umupfasoni Concilie twakuze twumva arumudasigana abushitse n’afate ingingo atumeko inama ya comite nshingwabikorwa yomuri 2009 hama batunganye amatora basanze yobandanya uburongozi batore abamufasha canke bitorere abandi, hama Rwagasore n’incungu y’abarundi bose ntitwoja turamuzana turiko tuvuga ivya politique.

  • Barundi,barundikazi namwe rwaruka rw’iburundi,ico mwomenya kanura muce ubwenge,abanyepolitike barabesha bose,kuko bigisha urwanko mu basangiye impetso ariyo burundi bwacu,ivyabaye muri kahise bitubere akarorero,kuko umwe wese yikwegerako kugira ahaze inda yiwe un simple citoyen ariko ara sufferinga,nta muhutu nta mututsi bose ni bamwe uwabahenze nuwaduciyemwo amoko kandi tuvuga meme langue,meme race,....mbe ndababaze iyo umuhutu canke umututsi cabure umutwa iyo agize annemie mukumuha amaraso baraba ayatanzwe n’umuhutu nkawe,canke n’umututsi nkawe,... tujijuke ivyarimagera vyarageruye,kandi amase ya kera ntagihoma urutaro.abo bose bigisha division ethnique ni bansumure inda ntimubahe umwanya kuko muzobogora mwasheshe ataco umuntu akigira.murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.