Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yakobo Bigirimana yatowe kurongora umugambwe FNL - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Yakobo Bigirimana yatowe kurongora umugambwe FNL

Yakobo Bigirimana yatowe kurongora umugambwe FNL

dimanche 20 Gitugutu 2013

Mu matora y’umukuru w’umugambwe FNL yatunganijwe kuri uyu w’Imana, Yakobo Bigirimana yahora ari umunyamabanga mukuru w’uyo mugambwe niwe yatahukanye intsinzi y’amajwi 76,6, mu gihe uwari umukuru w’umugambwe Manweli Miburo bahiganwa yabaye uwa kabiri ku majwi 17, aca aba umunyamabanga mukuru w’uyo mugambwe.

Muri ayo matora yari yitabwe n’abaserukira intara zose z’igihugu, vyari bitegekanijwe ko atangura igihe c’isaha z’ine z’igitondo, yatevye rwose, aja gutangura hafi igihe c’isaha indwi, mu gihe bavuga ko habanje ukutumvikana hagati ya Miburo na Bigirimana ku bijanye n’ukwo amatora yogenda. Amakuru yabandanya adushikira, yavuga ko hategerezwa kuba amatora y’uburongozi bw’umugambwe, hakaba n’ayandi y’umunyamabanga w’umugambwe, ivyoba vyari bishigikiwe na Miburo, bikarwanywa na Bigirimana. Ikindi ni ukwo Bigirimana Yakobo yariko akora ukwo ashoboye kugira ico kibanza c’ukurongora umugambwe ntikimuce mu myanya y’intoke, ndetse ivyo yarashashaye cane.

Miburo E i buryo Bigirimana J i Bubamfu

Muri iryo koraniro ryari ryateguwe n’umugambwe FNL, Yakobo Bigirimana yanasavye abamenyeshamakuru ko batohirahira ngo basubire kuvuga FNL ishami rya Rwasa canke iry’uwundi, mu gihe yariko yiyamiriza abazohava bavuga FNL irongowe na Yakobo Bigirimana. Ariko n’aho biri ukwo, abanamarimwe ba FNL bo vyibonekeje ko bataribagira Rwasa Agaton, kuko no mu dukino, wasanga tumwe harimwo umu FNL wo kwa Miburo (ataratsindwa) n’uwundi yavuga ko ari uwo kwa Rwasa. Ikindi twobamenyesha ni ukwo muri utwo dukino, bashiramwo amajambo yo gutyoza Agaton Rwasa yahoze arongoye uwo mugambwe, ndetse yanawuserukiye mu matora yo mu mwaka w’2010.

Amaze gutsinda, Yakobo Bigirimana yashimiye abamutoye, arashimira uwo yise umuhumure, inararibonye mu mugambwe. Ijambo rikomeye yavuze akaba ari ukwo agiye gushira hamwe udushami twose tuva kuri FNL, ariko iryo kwa Rwasa, akaba adashaka kuryumva mu matwi yiwe, ndetse akaba yanaryiyamiriza mu bibazo vyose yabajijwe n’abamenyeshamakuru harimwo iryo zina.

Twobamenyesha kandi y’uko muri iryo koraniro atabaserukira ibihugu vyabo bari bavyitavye, kandi bikaba bivurwa ko bari batumiwe, ariko bataje, ndetse hari n’ibibanza bari babikiwe, ari navyo vyahavuye biba ivy’abamenyeshamakuru bari aho. Mu migambwe, hari uwaserukiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD gusa.

Uwaserukiye umugambwe CNDD-FDD
Babanza gusaka abaje ko atabirwanisho bazanye

Aristide Nizigire

Messages

  • Ewe Bigirimana Yakobo!! Ubwo urakenyeye wifatire abarundi ko ari we ugiye mu kibanza ca Nyakwigira Gahutu Remy? Ubwo nti ubona ko ari ibara ryo ku mutemere wambitse umuntu wese yabaye n’uwucitwa UMUNAMARIMWE? Iyo nama y’igihutihuti watumye ko, ku bwawe, wibaza ko ar’iyo kuvavanura no kwigiza kure Rwasa canke gutesha agaciro PALIPEHUTU-FNL, kuber’amaronko mwita FNL? Wibajije neza, basavye abanamarimwe/abarundi bagirire ikigongwe,
    ubona boshima nde? Wewe/Miburo canke Habimana Pasteur/Kenese J.? Je nibaza ko vyari kukubera neza ukinjuye canke ukaja winumira kugir’aba nye Kanyosha bibagire na gatoyi amabi wagiye ubakorera uri chef w’iyo zone.

  • iyo hapfuma haguma Miburo nayo uwo we ntakigenda ,nta vya jake kabisa ,Rwasa yabaciyemwo kuko Miburo agiye gusubira kwiyunga na Rwasa

  • Jacques uri umuhemu bandanya tuzoraba aho uzoshika.Kuki muburundi hari abantu mutabona kure?Birababaje ikibabaje n’uko abarundi bazohava bihitiramwo ivyakera kubera mwahemutse.

  • Ntibitangaje none mwibazako harico yakobo azokora!!yananiwe gutunganiriza abanyakanyosha azoshobora gutunganiriza abarundi bosez.ayo tuyita amaronko ahubwo simbona igituma ubutungane butarakurengutsaz.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.