Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yasezeye kuvuga amajambo y’abungere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Yasezeye kuvuga amajambo y’abungere

Yasezeye kuvuga amajambo y’abungere

jeudi 2 Nzero 2014

Abaririmvyi benshi cane cane bo mu makungu bari mu bantu bavuga amajambo mabi, baratukana canke bakavuga amajambo y’ibishegu. Kanye West yikubise agashi, agiye gukosora imvugo yiwe.

Kanye West ni umwe mu baririmvyi bazwi cane kw’isi. Abaririmvyi b’ibihangange kenshi biyumva ko ari abantu bubashwe cane kandi ni abantu usanga bafise amanyama adasanzwe, akarorero ka hafi ni Chris Brown. Uwo yama mu bihano kubera imvugo n’inyifato yiwe. Muri bo, harimwo n’abo mukuvuga ataco bibanga, haba mu ndirimbo zabo canke amajambo bavuga babwira abakunzi babo, usanga harimwo ibitutsi vyakamaramaza.

Kanye West yaraye yikubise agashi, yagaruye akenge kuko abo kenshi abwira amajambo y’abungere usanga ari abakunzi biwe. Atuka abitavye mu biteramo vyiwe, kenshi biba iyo hagize ikitagenda neza mu vyuma vy’umuziki vyiwe. Mu giteramo yagirishije mu gisagara ca Toronto, niho yaca amenyesha ko uyu mwaka w’i 2014 agiye gucungana n’ururimi rwiwe. Yihanye icaha co gutukana, canke kuvuga ibishegu imbere y’abakunzi biwe, eka n’amajambo mabi yarayasezereye.

Uwo muririmvyi avuga ati : « ivyo mvuga vyinshi ndazi ko bitarekuwe,
ariko kuva ubu ngiye guhindura imvugo. Ndabarahiye, ntimuzosubira kwumva mvuga…eka nta muntu n’umwe nzosubira kubwira nabi ».

Aha munsi murirabira kandi mwumvirize ururirimbo «Bound 2»rwa Kanye West


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Eka rwose bakwiye kumenya ko ivyo bakora babihawe nimana nivyo bavuga nubutuzi bwose bafise ubwo rero niba yihanye jewe ndamwemeye aheruka kuvyara buriya yumuntu avye aba ahaye akura akwiiye guhinduka agatandukana nimvugo mbi kuko numwanwe yozogira indero.

  • Ubu noneho kany west asigaye yiyita yesu aragowe atisubiyeko inkoni yimana iramurindiriye ncuti zanji iki nivihe ca nyuma dupfukame dusenge ibintu baririmba biteye ubwoba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.