Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yemereye Abadasigana ko hako yobahemukira yotuma yitaba Umuremyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Yemereye Abadasigana ko hako yobahemukira yotuma yitaba Umuremyi

Yemereye Abadasigana ko hako yobahemukira yotuma yitaba Umuremyi

dimanche 20 Gitugutu 2013

Abarundi bayamaze bati :’’urubanza rumwe rumara zibiri’’, ibikorwa vy’ugutora umukuru w’urwaruka mparaniramajambere ya Rwagasore JRR mu gisagara ca Bujumbura, vyahaye abategetsi batandukanye b’uyo mugambwe haba umukuru w’umugambwe Uprona canke icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mushasha, akanya ko gushikiriza amajambo atandukanye yerekeye igihugu n’umugambwe wabo muri rusangi.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru na Martino Nduwimana bari hagati

Mu majambo yavuzwe n’uwatowe kugira abe umunyamabanga wa mbere w’uyo mugambwe mu gisata c’urwaruka Patrick Nitegeka, avuka muri komine ya Rohero mu gisagara ca Bujumbura, yamenyesheje ko ibivurwa ku gushamirana kw’imigambwe imwe imwe, bagira Imana bo bitarashika yaho aba JRR bo muri Uprona barwana n’urundi rwaruka, ivyo rero, akaba yavuze ko babikesha impanuro nziza bahabwa n’ababakurira muri uyo mugambwe. Ari naco gituma Patrick Nitegeka yamenyesheje ko impanuro bahabwa n’ababakurira zitazigera zibaca inyuma y’amatwi.

Umukuru w’umugambwe Karori Nditije nawe yasavye urwaruka mparanira amajambere ya Rwagasore kudatinya rukamvye, kutaba ibijora canke ngo babe ibinyaganwanka. Yasavye urwaruka ruva muri uyo mugambwe gukora rutiziganya, gukorera umugambwe kugira mu matora yo mu mwaka w’2015, umugambwe uze urenze ku majwi wari waronse mu matora yo mu mwaka w’2010. Mw’ijambo ryiwe Karori Nditije yasavye icegera c’umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Bernard Busokoza ko igihe cose hoba ibibazo bikomeye, yokwibuka guca mu nyabutatu igize umugambwe babirabire hamwe, iyo nyabutatu nayo nayo ikaba ari umurwi w’abatowe n’abanyagihugu, inzego nkuru nkuru zirongoye umugambwe, n’abandi bose baserukira uyo mugambwe muri Leta. Umushinamateka Nditije akaba yashimiye icegera c’umukuru w’igihugu yahahora Sinunguruza Terensiyo, ku vyo yashoboye gukora. Yamenyesheje ko hari ivyo yashoboye n’ivyamunaniye.

Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu Bernard Busokoza

Mw’ijambo ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Bernard Busokoza, yahumurije abadasigana, akaba yababwiye ko atazigera ahemukira umugambwe wamurungitse mu kibanza c’iteka arimwo ubu. Ku bwiwe yavuze ko hako yabahemukira abamwizeye,yotuma yitaba Imana nk’uko yari yarabirahiriye izuba riva, acinjira mu mabanga y’intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi. Nyakubahwa Busokoza akaba kandi yavuze ko, ibijanye n’ugusubiza hamwe abadasigana, aje abifitiye inguvu zidasanzwe kandi yizeye ko uyo mugambi ubwirijwe kuja mu ngiro vyanka bikunda.

JPEG - 2.6 Mo
Komiseri Fiacre yari yaserukiye CNDD-FDD

Muri ivyo birori vyari vyitabwe n’abanyacubahiro batandukanye harimwo abashikiranganji bose bava mu mugambwe Uprona, Martino Nduwimana umushingamateka wo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, bamwe mu bashingamateka, uwaje aserukira umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD uri ku butegetsi, n’abadasigana isinzi bo mu makomine atandukanye agize igisagara ca Bujumbura.

Ikindi twobamenyesha ni ukwo muri ivyo birori uwahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Sinunguruza Terensiyo co kimwe n’uwahoze arongoye umugambwe Uprona kw’igenwa rya Sinunguruza mu mabanga y’icegera c’umukuru w’igihugu Niyoyankana Bonaventure batari bahashitse, eka n’abari mu murwi w’ishinze kwambika umutamana Uprona ntibitavye ivyo birori. Muri ivyo birori nyene bakaba bakiriye abadasigana bari baroroye mu mugambwe Parena.

icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu hagati, ahagatiwe n'ibubamfu icegera ca kabiri c'inama nshingamateka, iburyo umukuru w'umugambwe
umukuru w'umugambwe Karori Nditije
Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Lewokadiya Ninkazi
aba JRR bo mu gisagara ca Bujumbura batowe

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.