Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yeremiya Minani amenyesha ivyo abatavuga rumwe na Reta basaba mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Yeremiya Minani amenyesha ivyo abatavuga rumwe na Reta basaba mu (...)

Yeremiya Minani amenyesha ivyo abatavuga rumwe na Reta basaba mu biganiro

samedi 18 Mukakaro 2015

Yeremiya Minani avugira umurwi Mouvement Arusha amenyesha ko abatavuga rumwe na Reta bari mu biganiro basaba ibintu bibiri nyamukuru.

Ica mbere,Yeremiya Minani avuga ko basaba ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ahagarika kwitoreza ikiringo ca gatatu co kurongora igihugu avyishakiye,canke kutamwemerera ko yitoza kuko ico kiringo gihonyanga ibwirizwa nshingiro.

Yeremiya Minani avuga ko basaba kandi ishirwaho ry’icuka ciza ca politike n’umutekano vyotuma hatunganywa amatora yigenga,imbonerakure zikakwa ibirwanisho,ipfungurwa ry’abafatiwe bose mu myiyerekano hamwe n’abapfungwa ba politike.

Uwo avugira umurwi Mouvement Arusha amenyesha ko basaba kandi ihagarikwa ry’imitahe ihagarika abahamagariye abanyagihugu kuja mu myiyerekano,itahuka ry’impunzi,guhindura umurwi utegura amatora CENI na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro,n’iyugururwa ry’amaradiyo yigenga.

Yeremiya Minani amenyesha ko batazokwemera ikintu cose kitazana inyishu ziboneka kuri ivyo bintu nyamukuru bibiri basaba.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Kwanka Ivyo Bintu Uba Wanse Ko Amahoro Asasagara Mugihugu. Abibaza Ko Bazanywe N, Imtambara, Ko Ariyo Izobagumizaho Barihenda ( Au Contraire )

  • Ivyonivyiza Turabishima Kuko Ntakujamumatora Atariyo Abanywanyi Turabashigikiye%

  • Non mwarimwarindiriyiki?kubonamatorayambere ababanamwarih?uburermwavuyemugacerer?shakamwireker imana izobimubaza

  • IVYO.BASABA.NTIVYO.CANE.100%NINCABWENGE.CANE.100%.MUKOMERE.BIZOSHOBOKA.KUNEZA.CANKE.KUNABI.100%.

  • nimugabanye ivyo musaba nutazabura na kimwe, ahubwo muhurire hagati buriwese mubayaga agire ico aheba nibwo muzoronka inyishu nziza,naho reta mumishikirano ahantu hose ihabwa agaciro kuruta abayirwanya nacane cane ko nta nagacimbiri mwari mwofata aho murwanira hose. rwose muhurize hagati kuko abarundi bararushe n’amagambo y’abanyapolitique.

  • nimugabanye ivyo musaba nutazabura na kimwe, ahubwo muhurire hagati buriwese mubayaga agire ico aheba nibwo muzoronka inyishu nziza,naho reta mumishikirano ahantu hose ihabwa agaciro kuruta abayirwanya nacane cane ko nta nagacimbiri mwari mwofata aho murwanira hose. rwose muhurize hagati kuko abarundi bararushe n’amagambo y’abanyapolitique.

  • cane utomoye neza cane turasaba ko Iwo mugabo atumva ko yovyubahiriza kugatekacu twenty abanyagihugu igihugu sica so cnke nyoko ataraho Uzibonerako.

  • NTIRETE MWERA KO NKURUNZIZA YITOZA HAHONYAZWE AMATEGEKO IMBONERAKURE ZAVUZE KO ZITUMESA NONE REKA TWEMERE BATUMESE NTACATUCERA NIKOMERE MUBA SHINGANTAHE!!!!

  • TWOSHIMA CANE MUGIHE IVYO BIBAZO VYOTORERWA INYISHU,KUKO TWOCA TURYAMA TUGASINZIRA.MANA UTUBERE UMUHUZA WEW,UTARENGANYA,AMEN.

  • Komeramutama,arikombaze,abobahuza,canke,east africa,ntibokorera kurivyonyenevyasabwe kukonivyovyatumye,,abarundi bahunga.

  • nyamukuru nivyo ataraho umuhuza yire amarembe ahamvye saidi djinit

  • None bwabu CNDDFDD bwaza buratuvonyorako butubwira ukobwishakiye mumyaka ya 2005 kugera ubu muri 2015 kotumaze gutekeza ubutaribuke bukangara nkatwe bwaribwatekeje nibubanzebwumve ubundibaza kotumaze kubwereka icotubusumvya kukomurabona kobumaze kugera hanze ko icodushaka kobuvuga niconabwo buvuga, raba twebwe dukeneye kumenyesha amakunguko Imbonerakure arabicanyi ubunabo twabategetse kubivuga kandibariko barabikora neza, twavuzeko dukwiye kuvugako Imbonerakure zahawe ibirwanisho none nabo ba DD iyobarinze badusanga iyotwibereye hanze yigihugu nimbaka nabo babivuge kandibarabikora, tubuzeko amatora adakwiye kuba nabo barabisubiramwo bakabivuga, twavuzeko tutazokwemerako Nkurunziza yitoza nabo muravyumvako babisubiramwo bakabivuga, kwifranga ryacu ntakibuza tuzobukoresha icodushaka cose.

  • MWOSABA IVYO MUSHATSE KU MUHUZA,MUSHIRE IMBERE IMANA YO IDAHENGAMA

  • emma

    yeremiya nyamba bagutumye genda ubabwire ati nkurunziza ategerezwa kwitoza vyanka vyakunda, Kuko abarundi ntacaha tumwagiriza. erega ntimubone ngo mumukuye kunguvu ngomuzoba muhaye uburundi amahoro! ahubwo muzoba mubuturiye.

  • Natwe abanyagihugu nivyonyene dushaka kandisagahato nibabikore canke bareke!ndibaza babikoze kunguvu natwe tuzokoresha inguvu mpaka dushike ahotwipfuza kwigihugu cacu gishika.

  • Bwira izontumva zaba gumyabondo n’imbonerakunya zumve zitumvise naho zizokumvira munkono.

  • Kugeza ubu biragoye kwemezako abobose baharanira agateka kabanyagigu.yaba reta n’abayirwanya.beshi muribo bironderera ivyabo nimiryango yabo.ndabazwa nabanyagihugu batobato bahendwa,bagiyekwicwa ninzara,abandi bamaze kuhasigubuzima,bishinga kwiruka mubitaberekeye,atarugucirinzira abanyabirato.NIBACUBWENGE,BIBUKE AKAHISE,BABONE KURE,HANYUMA BAFATINGINGO.

  • Wewe Minani nabo murikumwe mbega ko amatora ari hirya yejo ivyo musaba bizokwirwa ryari muzohindura imbwirizwa nshingiro? Ndababazwa na rwasa muguma mujuragiza iyo akaja mumatora yaba shingamateka ndazi ko yari kuronka ibibanza vyishi bigatuma afasha muguhindura ibintu biciye munama nshinga mateka nayo ibindi vyose muvuga muriko murahonya benewacu mubabesha ngo baje mukiroberi bakicirwayo abandi vagafatwa abari mumashure ivyabo bigahereraho none ko mutajayo namwe muguma mwiyambariye ama koti gusa ugirango sbo bajayo nibo bazotwara igihugu ntimurindiriye babakorere muzoce mubagira nkuko aba DD batugize .

  • None, Petero Nkurunziza yoba yarababujije ko mwitoza ngo mumutsinde? canke mugihugu ntimukwije ibiro; Ikiringo,CENI,Sentare,iryo siryo shingiro ry’ubuzima muriko murahuba rwose humura wongere uhumurize abandi mwoba mwiyumvira kumwe ( Yohani 17:3 )

  • None, Petero Nkurunziza yoba yarababujije ko mwitoza ngo mumutsinde? canke mugihugu ntimukwije ibiro; Ikiringo,CENI,Sentare,iryo siryo shingiro ry’ubuzima muriko murahuba rwose humura wongere uhumurize abandi mwoba mwiyumvira kumwe ( Yohani 17:3 )

  • JERMI MWARAHENDANYE WE MWAJA MUBIGANIRO NAWE YIBEREYE KWIYAMAMAZA KUKO YARAZI YUKO ATAKIZOVAMWO

  • he jeremie duhaye tugutwenga!

  • JEWE.MBONA.PETERO.NKURUNZIZA.ATUBANGAMIYE.IMANA.IRAMUBONA.NTAKIYINANIRA.

  • Aba dd nibavyemere.bariko barondera guhonyanga ibwirizwa nshingiro kugira mumyaka 5 bazobe barihinduye bitwaje ko ryateye amahane,nabo aribo bayatera.haranire ikwirikizwa ryibwirizwa nshingiro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.