Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yeremiya Minani:"Kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu ni inkinamico (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Yeremiya Minani:"Kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu ni inkinamico (...)

Yeremiya Minani:"Kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu ni inkinamico ibandanya"

lundi 13 Mukakaro 2015

Yeremiya Minani avugira umurwi Arusha(Mouvement Arusha) wishinze gukingira amasezerano ya Arusha,amenyesha ko ingingo yo kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 21 Mukakakro ari inkinamico ibandanya.

Umuvugizi w’umurwi Arusha avuga ko ingingo yo kwigiza inyuma amatora ataco ivuze kandi ataco bimaze, mu gihe iyo tariki yashinzwe n’umukuru w’igihugu bitumvikanyweko n’abegwa bose n’ikibazo c’amatora.

Kubwa Yeremiya Minani, abari mu murwi Arusha ntibazokwitaba amatora y’umukuru w’igihugu kandi n’ibizoyavamwo ntibazovyemera.Avuga ko ayo matora ataco amaze kuko ibizova mu matora vyamaze kumenyekana.

Yeremiya Minani avuga ko ibihanze Uburundi vyavuye k’ugushaka kwitoza kw’umukuru w’igihugu ku kiringo ca gatatu,rero ko nimba bashaka amatora bokwicara hamwe bakaganira gutyo intambamyi ziveho hanyuma bategure amatora yizewe na bose.

Umuvugizi w’umurwi Arusha avuga ko ibizova mu matora y’umukuru w’igihugu biraba abariko barayategura,kandi ayo matora ntiyoshoboka mu gihe hari ibihumbi vy’abarundi vyahunze igihugu,n’abandi bapfunzwe bazira ubusa.

Yeremiya Minani amenyesha ko ikibazo c’Uburundi cotora inyishu umukuru w’igihugu ahagaritse kwitoza ku kiringo ca gatatu,kandi abarundi bose bakicara hamwe mu ntumbero yo gutunganaya amatora meza.

Yeremiya Minani arangiza amenyesha ko umurwi avugira wishinze kurwanya ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu batarota bakoresha inguvu,kuko bavuze ko batanguje urugamba rw’amahoro kandi ruzohera ari urwo amahoro.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ivyo Navyo ni ibiki ngo ARUSHA MOVEMENT ico naco cavutse ryari uramvye azobona abashaka kurya no benshi gusa baduhe amahoro nta ntambara dushaka

  • muburundi ndabona ikibazo kiracahari,ivyo kwigizayo itariki izoberako amatora siyo nyishu.igikuru n ibiganiro abarundi tukiyumvamwo ko natwebwe dushoboye.

  • muburundi ndabona ikibazo kiracahari,ivyo kwigizayo itariki izoberako amatora siyo nyishu.igikuru n ibiganiro abarundi tukiyumvamwo ko natwebwe dushoboye.

  • Ndakubaza Ikibazo ,ko Mutagiye Mumatora Aba Dd Bakayakoresha Kunguvu Kandi Abantu Bakagenda,uwo Mukuru Wigihugu Niyatorwa CENI Ikamwemeza ,harico Muzoba Mugihindura?

  • Mana Tabar’uburundi! Mutima Mweranda Kaz Worosh’imitima Y’abanyepolitike Igihugu Kironk’amahoro.

  • izo ngurube ni nde yabah ijambo ko rifis abanyagihugu.

  • Ntamisi itatu irahera uyo Minani Jeremie Minani yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook ko inzira isigaye yo kugondoza Nkurunziza ari inzira y’intambara, umwe muri ba somambike biwe uwitwa David Dusabe arasasira ngo "Wanka gusesa amaraso ayawe imbwa zikayarigatira ubuntu" none ngo ntanguvu azokoresha? Mbega kuzibira amabarabara no kuremuza amasoko kubuza abana kuja ku mashure kwica kurasa abapolosi guturira amazu imiduga n’ayandi matungo ya barundi n’ibindi nivyo vyitwa imyiyereakano y’amahoro?

  • BARAHINDURA BAHINDUKIZA BAFISE IMIKENYURO MYINSHI

  • Mbe muriko mukingira arusha gute?mukuyakingira mwari kuja mumatora hakaboneka abashingamateka bo kubihagarika,non ngo mugira mugwane?sha bwabundi mwaronderera inda zanyu!turabakeney rero ubu kurugamba muri imbere yacu turugwane.mutage naho ngo muturongore tuzomenya ko mwaturoshe.

  • ntimworaba igihugu kibanyi ca tanzania ukuntu babisanya mu mahoro twebwe nibiki cagwa namada maremare yanyu adahaga birateyisuni none mbaze cdd ifisumukandida umwe gusa?

  • Iyonkinamico yamatora yomuburundi rekabandanye tuzohezaturabiyobizoshikana uburundi.abatayigihugu nibatah barorere iyonkinamico

  • Twebwe abarundi kugira dutsimbatareneza mugihugucacu twahizemwo kubaho tugavye ijoro numutaga. Mutikuberiki? Kubera ababagabo imvugozabo zumbikanamwo koboba nashaka intambara gusa, twebwerero nimbariterabwoba dutegerezwa kugaba nkabiteguye kubahasha, asangwanaho atariterabwoba bakabishira mungiro ntakibuza ntizobintambara tuzohanahura..

  • JEREMIEMINANI URUMUGABONTIBAGUTERUBWORYUMEKOTURINYUMA IZONKOHOBAEASHE BIRABARABAHARINIGHARIRWABOMUGAJEREMIEMINANI URUMUGABONTIBAGUTERUBWORYUMEKOTURINYUMA IZONKOHOBAEASHE BIRABARABAHARINIGHARIRWABOMUGABONTIBAZOZIMARA.

  • MUTAMAJEREMIE TURINYUMAYAWE TUREKABOBASI BITERAMBERE VYASEBIKUNZENUKUVAKOBITARENZEMUNDWIZIBIRIZIRENZETUZOCATUMUHEBERA.

  • MUTAMAJEREMIE TURINYUMAYAWE TUREKABOBASI BITERAMBERE VYASEBIKUNZENUKUVAKOBITARENZEMUNDWIZIBIRIZIRENZETUZOCATUMUHEBERA.

  • ibiwerewere uyaba dd biraho?imana izobihana!wereka

  • kubwanje iconobona nuko bokwicara hamwe aberwa na politique bose bakabitorera inyishu kubera amakenga ntazobura mbekobatanze umuhuza akaba atarashika itarike yamatora ikaba yashinzwe non azohuza iki? ivyuyumwaka ntivyoroshe.

  • yemwee ivyo mugira vyose ikimbabaza nuko mujaniranya nabatari mu bintu vyanyu ngo namapolik mukica mwotuihera amahoro mwoba mukoze ivyo mugwanira navyo mwabisanze kwisi muzobisigaho kandi iciza nuko umw wese yotahura k
    ko kuica kiremwa muntu kwari ubuhemu tukamenya ko twese tuva kuri data umw ariwe Mana gutyo twoba turiko tuvibuzimu

  • Jewe narengewe.Minani jean ntibantunganya domitien etc...baritoje kuba ba presidents.Mubinyamakuru ubu baravyanka bafatanije nabo ba minani jeremie
    tuze tubafate gute....Nta vide constitutionnel au burundi....uwushaka gutora aratora uwudashaka arareka

  • Bantu b’Imana mbona jew ivy’uburundi bwacu ari ivumwe. Mbega isi mwarayiranguye? Canke muzohaba ibihe vyose? Nukuri nimwiyegerez uwuhoraho bigishoboka...ibi nivyisi twese tuzobisiga aha.

  • amatora azob mezacane

  • JEWE NDUMVA UKUNTU NOBAHUZA HAMWE BOVYEMERA KANDI UMUTI WOCA UBONEKA VYIHUTA ATAMUNTU ARINZE KUVA HANZE MURAKOZE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.