Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yeremiya Minani: ’’Ntitwatangajwe no kuba Reta yaranse ingabo za (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Yeremiya Minani: ’’Ntitwatangajwe no kuba Reta yaranse ingabo za (...)

Yeremiya Minani: ’’Ntitwatangajwe no kuba Reta yaranse ingabo za UA’’

mercredi 23 Kigarama 2015

Inama y’igihugu yishinze gukingira amasezerano ya Arusha CNARED imenyesha ko itatangajwe no kuba Reta y’Uburundi yanka ko abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bo mu rwego MAPROBU baza mu Burundi.

Yeremiya Minani umuvugizi wa CNARED amenyesha ko hageze ko amakungu afasha,akavuga kandi ko kuba Reta y’Uburundi yaranse ko abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika baza mu Burundi ata gitangaza kirimwo.

Kubwa Yeremiya Minani,kuva indyane ziri mu gihugu zitangura,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yagumye yerekana ko akengera amakungu,bikaba vyerekana ko yipfuza ko ibibera mu gihugu bitomenyekana.

Umuvugizi wa CNARED amenyesha ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika buzoshira mu ngiro ingingo ya kane igenga iryo shirahamwe ibarekurira kuja gufasha mu gihugu kigize iryo shirahamwe naho coba kitabishaka.

Hagati aho,urunani CNARED rwamaze kumensha ko rwamaze gutumirwa mu biganiro bihuza abarundi bitegekanijwe kubera ku murwa mukuru w’Ubuganda Kampala,kuwa mbere igenekerezo rya 28 Kigarama 2015.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Kutemera kwa Leta y’UBURUNDI umuzo w’ingabo CENARD yasavye UBUMWE BW’AFRIKA UTI Ntivyagtangaje. ikizogutangaza uzokibona igihe muzozanana n’izo Ngabo zanyu ku NGUVU Niwabona ingena INGABO Z’IGIHUGU cacu kizobavugutira umuti ubakwiye YEREMI ico gihe uzoshikiriza abanywanyi ba CENARD ibitangaza koko.

  • abahurikiye muri CNARED bibazakwarabarundi basubabandi agaciro, eraba birirwabambikibara abarundi mumakungu ngobucahaba ihonyambwoko. turabasavye badutomorere abazokorerwa iryo honyambwoko abaribo, kuko abarundi twese turifataniye munda. CNARED nihagarike iyomvugo kuko itumabarundi binubana....iyo jenoside mwifuriza abarundi IMANA iziyiturinde....

  • Komeza mwongere inguvu musunik amakungu nayahandi abarundi barahera atacamira.Mbe leta y’UBURUNDI yokwemera gut inteko kozinjira mu burund itemera kw’abantu bariko barafa!

  • Nukore tayuburundi yobareka kuko nimbaivyo bavuga atarivyo nibabareke kugira izongabo zizobabere icabonamumakungu uryayavuzeko boba bazanywe nukonona abigeme muburundi yavuzenabi kuko nimba abasoda bajanwa nukonona abana babige meyatutse ingabozigihu gu cacu kuko namba abasobagiye aricokibajana twebwe murundi bobazaguya ubuhinga bwokwonona abige babandi?yatutsigihugu bamuhanure kuko nububirirwa baratwarinda bamuha nure aba atutse ingabo zigihugu.murakoze nnicociyumviro canje .ikosaryumwe ntiryoba ikosaryigihugu nikosa ryumusoda ntiryoba iryabasoda.

  • Nukore tayuburundi yobareka kuko nimbaivyo bavuga atarivyo nibabareke kugira izongabo zizobabere icabonamumakungu uryayavuzeko boba bazanywe nukonona abigeme muburundi yavuzenabi kuko nimba abasoda bajanwa nukonona abana babige meyatutse ingabozigihu gu cacu kuko namba abasobagiye aricokibajana twebwe murundi bobazaguya ubuhinga bwokwonona abige babandi?yatutsigihugu bamuhanure kuko nububirirwa baratwarinda bamuha nure aba atutse ingabo zigihugu.murakoze nnicociyumviro canje .ikosaryumwe ntiryoba ikosaryigihugu nikosa ryumusoda ntiryoba iryabasoda.

  • Abasoda mvamakungu b’Ubumwe bw’Afrika nibaze banyaruka kuko Leta ya NKURUMBI yamaze abantu, bavuga ngo hamaze gupfa 500 gusa, bararenga; abo n’abatowe ibiziga. Igihe cose urya mugwi FOREBU wiyemeje gukura NKURUMBI ku butegetsi ku nguvu uzotera Leta ukayibangamira cane, Leta izoca yikuriza ishavu kuri ya ma Quartiers yankwa: #Musaga, #Nyakabiga, #Jabe, #Ngagara, #Mutakura, #Cibitoke bice basasike atacamira! ABASODA NIBANYARUKE VUBA!

  • Kutemerera abasirikare koboza muburundi, icobatinya kiriho,canke icabitumye,unomusi bariko batamba birorera mukwica abantu atakikominduru,amashirahamwe yahora akominduru benamaradio baravyomoye,ububica atabwoba kuko bazi kwatawuzotangaza ububisha barikobarakora. none bumvise ati abasoda mpuzamakungu bahava bijira ati ntumbero yacu yo kwica izobifuye,ati ntibaze.ii yaba baribasazwe barimuburundi,Nduwingoma Eleneste nti yarigukurwa mubitaro nabagenziwe, ariko aravurwa ibikomere yaraswe nabateyikambi! bukeye rwatorwe ikiziga bamuhohosheje, iyo habicamira ntivyakorwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.