Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hoba hari umugambi wo gusambura PARCEM - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Hoba hari umugambi wo gusambura PARCEM

Hoba hari umugambi wo gusambura PARCEM

mardi 11 Munyonyo 2014

Gusigurira abamenyeshamakuru ingene Faustin Ndikumana, umukuru wa PARCEM yakoresheje nabi amafaranga y’amarundi angana 332.580.397 ntivyoroheye Eric Nkurunziza avuga ko ari mubatanguje ishirahamwe PARCEM. Eric Nkurunziza akaba aterekanye ayoba yaranyurujwe n’uwo mukuru w’iryo shirahamwe uko angana.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa 11 Munyonyo 2014, Eric Nkurunziza avuga ko ari mubatanguje ishirahamwe PARCEM, yagiriza Faustin Ndikumana kuba yagize akarima kiwe ishirahamwe arongoye, ndetse akamwagiriza ko mu mfashanyo yahawe mu mwaka w’2013 zingana n’imiriyoni 332.580.397 z’amafaranga y’amarundi atigeze yerekana uko yazikoresheje. Eric Nkurunziza avuga ko mubatanguje PARCEM nawe arimwo, akemeza ko bamwe bagiye barava muri iryo shirahamwe kubera igipfungu kiri mw’itunganywa ry’iryo shirahamwe n’ubutegetsi bubi, abandi nabo bakaba bagiye barirukanwa.

Faustin Ndikumana arongoye PARCEM

Ariko rero, naho yarahiye akarengwa ko atagiye gushinga PARCEM nyakuri, kandi ko ata bantu bandi bari inyuma yiwe muri ukwo kwagiriza Faustin Ndikumana, Eric Nkurunziza avuga ko azokwama atunganya ibiganiro ku bamenyeshamakuru kugira asigure uko ibintu vyifashe muri iryo shirahamwe. Ntawuzi ko azokwama atumako ivyo biganiro nk’uwigeze kuba umunywanyi canke nk’umukuru w’ishirahamwe, ariko icagaragaye akaba ari uko atiyumvamwo uburongozi bwa PARCEM buhari.

Eric Nkurunziza abamuzi bakaba bemeza ko afise ubuhinga bwo gushinga amashirahamwe ya Nyakuri ashatse gusambura amwe, n’aho ayo mashirahamwe adaheza ngo arame. Akarorero ka hafi, akaba ari igihe afatanije n’abantu nka Nkuriragenda Salvator, Hilaire Ndayizamba bagerageje gushinga OLUCOME Nyakuri baraheza bayita ACOMAP, ndetse akaba yaciye aba n’icegera c’umukuru w’iryo shirahamwe, ariko ukuramba kwaryo kukaba kwamaze umwanya urume rumara. Eric Nkurunziza akaba yashatse gusambura OLUCOME.

Inyuma y’aho, abo bari kumwe muri ako karwi na Eric Nkurunziza, bakaba baragerageje gucapfuza iryo shirahamwe ryishinze kurwanya inyonora ry’amatungo ya Reta bafatanije n’uwundi yitwa Dieudonne Nihorimbere, mutoya wa Eric Nkurunziza.

Tukabamenyesha ko amashirahamwe nka 1111 co kimwe n’ayandi atari make asanzwe afasha ishirahamwe PARCEM, atarigera yerekana ubunyonyezi bugirwa n’iryo shirahamwe mu mfashanyo aba yatanze. Eric Nkurunziza ariko we, akaba yiyemeje kuzereka ayo mashirahamwe uko ibintu vyifashe, kugira bamenye ukuri.


Aristide Nizigire

Messages

  • Murahay muhinyuka abiyitirira societe civile!akataraza karinya:erega abarundi barayamaz ngwikinyoma kimara uminsi ntikimara umwaka.abo bose turaziko ari bansumirinda zabo naho babesha ngo barondra inyungu yumunyagihugu.koma nutujambo jambo twawe .

  • Iconobwira abarindi nukobokora kugirabobesheko nayanobose mwirirwamwumva bashingamashirahamwe ngonayokubavugira ngokugira bakurikiranirehafi inyunguzanyu leta ntizikoreshenabi ntanikimwebizigera bibamarira babaho batabaho vyosebizoguma aricokimwe kiretaegusako dukora kugironza nabobagakomeza nokutumenamatwi ngobarimivyobariko baragogota bavuga, rekandabereke umuntu muzozamuramenya umuntu ashaka guharanira inyunguzanyu nimwabona umuntu asemerera abwira leta Ngo: Ndasaba imfashanyo kugira kirumwenegihuguwese agire akarinwa kirengarenga musiyurugo cane murupangu uwomuntu muramigwinyuma azobarumukunziwanyu nayoabobagogota nubwobamwe aribeza murazobabwirati: Iyomukomeza kutumenamatwi niryari myaje kutubwira komugiye kuduserukira? Komwagiye mukiherekanya nabonyene mwiyamiriza ngonibabahe uburenganzira bwokugira mwironderere icobabeshaho mukoresheje guhimbikinyoma cokubwira ababahamahera ngomivigira abarindi!?

  • abarundi mumeny neza yuko gushaka gusambura amashirahamw adaharanira ivyicaro vyaporitik bitoba aribishasha akarorero pisic ntiyaje igomba gukura fosic uwitwa njangwa ntarwanya apdh hari nayandi mashirahamw yagiy ajaho kubwishi kugira azaravuguruza ayandi mugabo ntibibacintg mbga igih twumva ubutegtsi bwashizeho adc ikibiri nyakuri vyadutanganj none ubu nyakibiri nyakuri kirih twavuga ntivura

  • Hirya yejo barondera Pacifique Nininahazwe. Ejo documentation yahaye amahera abo ntavuze kugira bartyoze Gabriel Rufyiri kuri site yabo. Uno munsi bageze kuri Parcem. Mbega ibijuju! Mu kiganiro uwuserukira Union Europeenne yahaye Journal Iwacu, yavuze ko muri budget ya 432millions d,euros bategekanije, harimwo imfashanyo izoja muri societe civile. Leta ifise ububasha ubuhe bwo kuyihagarika? Akabi gatwengwa nk’akeza. Genda DD muri ibi bono!

  • Biratangaje. Gute umuntu atari mwishirahamwe aja kumenya amafranga yaryo yakoresheje nabi? Uwo Eric Nkurunziza je mbona yosaba akazi mubugenduzi bukuru bwa Reta! Uburyo amafranga akoreshwa nabi, nabari muriryo ntaco bibatwaye, none uwutari muriryo niwe bishavuza? Hari uwucontrola urugo rw’uwundi kandi benerwo bahari?

  • KO MUTWEREKA IPHOTO YA FAUSTIN AHO KUTWEREKA UWO MU ERIC.TWEREKE IVYOBIKORESHO VYIBIHEMU TUBIBONE.

  • Ni vyiza ko mutanga umuco, ariko mugutanga iyo nkuru murashikuje, kuvyo twumvise kuma radiyo bitandukanye nivyo wanditse, ntaho twigeze twumva ayo mazina yabandi bantu uvuze, mbega ko uvuze ko muzo ashinga ari za nyakuri, PARCEM nayo ni nyakuri ko arimwo mubayishinze?kuba neutre nivyo bikwiye kuranga umu menyeshamakuru si non faustin turamukunda ivyo avuga mais nawe si mweranda ashobora kunyonora ivyo nibisanzwe. Mbe kwatakandi kazi bafise, ubona bobo batera imbere kuburyo busanzwe? reka reka impene irisha aho iziritse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.