Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Minani : "Leonce Ngendakumana niyaguma anana tuziyunga n’abandi" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Minani : "Leonce Ngendakumana niyaguma anana tuziyunga n’abandi"

Minani : "Leonce Ngendakumana niyaguma anana tuziyunga n’abandi"

mardi 7 Gitugutu 2014

Muganga Yohani Minani arongoye FRODEBU Nyakuru iragi rya Ndadaye amenyesha ko hamwe Leonce Ngendakumana yoguma anana, bagiye kwiyunga n’abandi bose babishaka uhereye ku yindi migambwe yamuka kuri Ndadaye.

Ivyo muganga Yohani Minani akaba yabivuze igihe yari mu ntara ya Kayanza, ari kumwe na Domisiyano Ndayizeye yahoze arongoye Uburundi, ubu akaba yarirukanywe mu mugambwe Sahwanya FRODEBU. Umushingamateka Minani avuga ko Uburundi bwasubiye inyuma cane kuva umugambwe CNDD FDD utsinze amatora yo mu mwaka w’2005. Minani rero akavuga ko ubusuma bwatsimbataye mu gihugu, aho agereranya abatembagaza amatungo ya Reta n’amasiha ari mu kigega. Uwo asanzwe arongoye uwo mugambwe asaba abipfuza gutsinda umugambwe CNDD FDD kwiyunga bakaja hamwe kugira mu matora yo mu mwaka w’2015 baze bashobore gushikira ubutegetsi.

Urwo runani rundi Minani yipfuza rwotuma CNDD FDD itsindwa akaba arirwo rwoba rwarabaye intandaro yo kutiyunga na FRODEBU irongowe na Leonce Ngendakumana. Uwo arongoye umugambwe wa Ndadaye akavuga nyabuna ko hari urunani ruhari kuva mu matora yo mu mwaka w’2010 arirwo ADC Ikibiri, ko abashaka guhindura ibintu bose arirwo bocamwo. Leonce Ngendakumana abona amahinyu nko muri ukwo kwihutisha ibintu kwa Minani, akavuga ko vyose vyogenda bukebuke kugira ntibaze biyunge ngo basange ahubwo bahuye n’izindi ngorane.


Aristide Nizigire

Messages

  • niyiyunge naba dd harigisigaye ntibiyunze kuvakera ’akarimi kavuginangore karagororoka" nawenyene nisiha nkizindi avugab,dd gusa.yooo!twahazikinyoma cawe namajambo utamikwa naba dd biraboneka kuko ntamigambi ufise atarinda yawe ntahutaniye naba dd

  • Ngwagiye kwiyunga nabashaka..mbabo nabo nibande..ahuracibaza kwabarundi bakiriya gihe aribo bubu?!uzohendane na dd abarundi twarabahinyuye...nisiha igiye muzindi..muga harigihe tuzobabaza neza iyomwabikuye abarundi batubitse umukanda

  • Ngwagiye kwiyunga nabashaka..mbabo nabo nibande..ahuracibaza kwabarundi bakiriya gihe aribo bubu?!uzohendane na dd abarundi twarabahinyuye...nisiha igiye muzindi..muga harigihe tuzobabaza neza iyomwabikuye abarundi batubitse umukanda

  • Ngwagiye kwiyunga nabashaka..mbabo nabo nibande..ahuracibaza kwabarundi bakiriya gihe aribo bubu?!uzohendane na dd abarundi twarabahinyuye...nisiha igiye muzindi..muga harigihe tuzobabaza neza iyomwabikuye abarundi batubitse umukanda

  • Ati Leonce yanse ko biyunga...!!ntamigambwendimwo muga nsanze Leonce arumugabo.Mbekotuzi kwuri mukibiri ca dd naburya bugambwe bacagaguye..ugombaabahamvye..siweweni cndd..isanumuntu arikumpfiro..urwo runani rwanyu twebwe abantu ataribaniryo turagwanse

  • NUKURI MINANI NAGENDE ARYE AYOBAMUHAYE ARAMAZE ARIKO IKIBIRI KIRUGAYE

  • Ikizi niryo koti yambaye, gusa!ahaaa!

  • reonce,juuu.juzaidinazaidi.umvamutama,ntaguteshumutwe,jaminani,numuntumutochane.ndamwibarize.,minani,igitumautiyunganikibiriwogisigura???reonce,arongoyurunani,imwaka.4kuryumenyeye,gufrom,ngwivyitwa,nyakuri,nivyugombangomugirenareonce,mukorurunani,nyakuri.buryawiravye,urabonakoreonce.munganyaumutwe.reonce,niryamunyu,yizewenuburundi.nabarundi,ntabwaraba,mpemukendamuke,nkawe,ndagufashe,gendamurinyakuri,yaiprona.niya,efeneri,niyoyiwawe,mugirurunaninyakuri,namenyaharihamwena,dddd,kugiramurabekomwotsinda2015.kukowaramenyekanyekuri.mumugongowaba,songambere.hama,urekekutuburizaamahoro,mutamareonce,umuzanichoyikorera,ngufismanama,ivyukangishanavyo,ngugiyekuranirirurunaninabandi,ahubwowaracherewe,adc,ikibirikimazimyakanimyaka,gikorawarunsinziriye,nonewikanguye.usangabwakeye,komerareonce,uwukwankaakwandureko,girahubawubahwe

  • ahubwo Leonce nsanze arumugabo kuko umukenyuro yawutoye hakiri kare none nimba Minani ashaka vyukuru koo imigambwe yiyunga koo yanka ADC kandi ari urunani rwiyunze rurimwo imigambwe myinshi ?canke ashaka kwiyunga ni migambwe ya nyakuri? abahinga muvya politik nimufashe murakoze

  • nkumunyagihugu adakina pritiuc leonce nabobalikumwe. cankese abandi biyumvirako abanyagihu bato cane ntibanezwe nimvugo zabo bakoresha ahubwo iyaba babaza icoabanyagihugu bagona bifuza bomenye ico bihutira gukola cotuma abanyagihugu babiyumvamwo. kuba honyene iyomigambwe yooose yiciyemwimigwi badashirahamwe kandi muribamwe nindeyobakurikira. murekaguhuza, ubu atamaronko muroka tumaze kubahi igihugu. nihomuzohuza? muryana u’bu ataco muryanirako,,haaa. harakantu., yaba leonce yaba minani canke miburo. ntacomwanze.nkahamwe mutokwiyunga ngomukundane kugira biduhe umwizero twebwe abanyagihugu.ntawuzobatora mukimezuko.ntihazobura abitega gusomera.hanyuma.bakarumanga. iyaba mwarimuzicimana izokora.naco.

  • Minani ashaka gusamaza abantu gusa mbe ko yanka ikibiri nagende yiyunge naba DD bamutumye gusambura umugambwe areke ikibiri kirya nintamenwa utemeye kuja mukibiri nkabandi shwiragira canke nkuko wavuve wiyunge natwatudumbidumbi twabansumurinda aba DD bacagaguye umureke Leonce numugabo juzaidiiiiiiiii Leonce wirambire

  • urwawe rwakuzuranye.reka leonce uwo siniryo

  • Nitwa Habarugi Choic Kubwanje Uburundi Subwu Umuntu Umwe Abarundi Bakwiye Kumvikana Bakamenya Kwigihugu Atari Itongo Igihugu Ninyjma Yinzovu Nibumvikane Basagire Bose Nibene Burundi Ntantambara Twiza Kumva Mubundi

  • nibagire ibiganiro vy’ineza y’abarundi bareke kuvuga nabi ko umugambwe uri kw’isonga utameze neza kuko nta bamarayika bazoza kurongora iki gihugu, twese dukora ivyiza n’ibibi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.