IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Zeid Ra’ad Al Hussein : Abahohoterwa hamwe n’ababorezwa igufa (...)

Zeid Ra’ad Al Hussein : Abahohoterwa hamwe n’ababorezwa igufa bongerekanye

mardi 19 Ndamukiza 2016, par egide

Icegera c’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu Zeid Ra’ad Al Hussein yagabishije kuri uwu wa mbere kw’iyongerekana ry’igitigiri c’abantu bahohoterwa mu Burundi, amenyesha kandi ko atewe umutima uhagaze n’ivyegeranyo biteye amakenga ku bibanza vy’ugupfungiramwo abantu i Bujumbura hamwe no hagati mu gihugu.

« Kuva mu ntango z’umwaka w’2016, umurwi wanje waronse n’imiburiburi abantu 345 bahohotewe. Ico giharuro kibabaje cerekana neza ihohoterwa ryakwiye hose kandi ribandanya kwiyongera, rigakorwa n’inzego za Reta zijejwe umutekano», Zeid Ra’ad Al Hussein akamenyesha ko muri rusangi, igitigiri c’ingereranyo cerekana ko kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015, abantu bagera ku 595 aribo bahohohotewe.

JPEG - 28.8 ko
Zeid Ra’ad Al Hussein, icegera c’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu

« Ihohoterwa n’ukuborezwa igufa vyibonekeza cane cane mu guhagarika abantu, mu gihe abafashwe bashikanwe aho bapfungirwa canke mu mwanya bamara bapfunzwe, cane cane mu busho bw’igendereza, mu giporisi, hamwe na rimwe rimwe mu gisirikare. Abakora iryo hohoterwa gushika ubu ntibakomwakomwa.»

Zeid Ra’ad Al Hussein, icegera c’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu amenyesha ko abapfungwa benshi mu bashoboye kubonana n’umurwi wiwe mu ndwi ziheze bari bagifise ibikomere bitarakira, bamwe muribo mbere bakaba batanashobora gutambuka atawe bifadikije, inyuma y’ugukubishwa imisipi y’abajejwe umutekano, ivyuma, canke bakaba baraturiwe. Bamwe muribo bakaba bamenyesheje hari n’abanyororo banyegezwa mu tuzu twa surwumwe, kugira abandi bapfungwa ntibabone ibikomere vyabo, canke abaje kugendera abanyororo ntibababone.
Zeid Ra’ad Al Hussein agasaba Reta y’Uburundi gukora ibishoboka vyose kugira ihohoterwa n’ukuboreza igufa abanyagihugu bihagarare.

Zeid Ra’ad Al Hussein, Icegera c’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu aranegura kandi igandagurwa ry’abanywanyi ba CNDD FDD rimaze iminsi ryibonekeza, cane cane indongozi zatowe muri uwo mugambwe.


IGIHE

Messages

  • None Mubona Umuti Ari Uwuhe?Ko Indwara Muyizi ?Abarundi Naho Bimeze Ukwo Dufatane Munda Ntamvura Idahita

  • ahomwotabaye nkahuvuziki?Abarunditwahezemwi-rabira none uwubitera suwu nkurumbi

  • ubukuneguye...igitigiri cabitswa hasigaye ikingana gut kugira mutabare abanyagihugu aba dd ababagwanya bos nabenegihugu

  • Mwebwe turabashimira murakora akazi kanyu neza mbere muranerekana ibikwiye gukorwa mugukingira abanyagihugu tugatangazwa nigene abashinzwe kubishira mungiro bashaka gusuzugura ivyo muvuga mugushaka kuza barafata ingingo barinze gutomboza nkaho umengo ntibazi akazi bajejwe kubona onu idashobora gufata ingingo ziboneka zogukingira abanyagihugu mugihe barungitse abana babo kwitangira ababo mugabo bobo bakaba badashaka gutabara abarundi bibara nibatahukane ingabo zacu kugira abe arizo ziza gukora icogikorwa

  • niwidedembere ntabindi wibagiyekuroka? abarundi bumutima turamazekumenya aho abazungu muhengameye, ubu turakanura ntakudukanga tuzoruhuka tubashize kumurongo kandi vubacane....mwateje akajagari mugirango bizokworoha, abomwakwegeye mwarabakwegeyebasi nabado......

  • None uyomusaza umuti atanze nuwuhe?Mutama gabanya amajambo murwize ibikorwa !!!

  • Akakagabo umenga niyuda yishe Yezu ukaravye mumaso!kavuga abahohotewe bahohotegwa nande?katavuga akokagwi bashizeho kitwa CNARED kirigwa kica abanywanyi ba CNDD-FDD reka basha turamenyereye amajambo yanyu,Abarundi ntitubaha nagato kuri Cortant,Petrol,Or,Nikcel,nibindi muzobibonesha amaso gusa gukorako oya!

  • Akakagabo umenga niyuda yishe Yezu ukaravye mumaso!kavuga abahohotewe bahohotegwa nande?katavuga akokagwi bashizeho kitwa CNARED kirigwa kica abanywanyi ba CNDD-FDD reka basha turamenyereye amajambo yanyu,Abarundi ntitubaha nagato kuri Cortant,Petrol,Or,Nikcel,nibindi muzobibonesha amaso gusa gukorako oya!

  • HAKO MWOGUMA MUVUGA IVYOMUZI KANDI MUBONA ATACO MURI BUFASHE MWOTUMA MUHORA TUKAGUMA UKO TURI IMANA IRATUBONA NAKARE NIYO YATUREMYE IBONA.

  • UYONAWENYENE NIMUJERI YIGENDERA.NAGUME HAMWE TUZOMUVUGUTIRA UMUTI

  • Mbega ko Boko Haramu islamic stet ko yabananiye? ko mwumva mugenzura isi vyagenzegute ngo za BOKO HARAM,ISLAMIC STED ngobatere kukibuga cindege ca Bruxelle mubufaransa hagapfa abantu 53.Reka guhangara sha Uburundi kuko burahuma! Barundi mwese nimuvuge muti MVAKO!!!

  • Herode asigaj umwanya muto barundi,iryo perereza n’igipolisi yatumy kumara abarundi nibo nyen bazo mugandagura

  • Ico yari guherako nico yaherejeko

  • Ivyuburundi bisizubwege.ese kobavugako atabarwanyi.bahari nibobiyicanira?aboba DD ntasoni bagira?yemwe nisubireko nayandiho kazoba dererana!!

  • HAKO NOGIRA UBUGORYI NKUBWA NTAGOHEKATAMENYAMARASO NOPFUMA MVA MWISI ,EHEEEEE ICA ABO WAMENYEREYE UWO NTAHUMUKUYE

  • nukuri twaruhijwe nayamajamba yaba bategetsi nibafate ingingo nyamukuru uburundi buronke amahoro tuguma twicwa abatishwe bicwa ninzara atishe bakaborezwa igufa canke bagafurwa nukuri abakiri kwisi turarushe dutabare

  • Abo muharura nibakeya, abobatwara gutamukiyaga babona mukiyaga catanganyika, ni bo beshi, abobamenja bahejeje abanyagihugu badahagurukiwe namakungu uburundi bugiye gusigara arumusaka. kuko abo ba CDD FDD icobahisemwo nuguherengeteza uwobatavugarumwe nabo wese, iyomihimbiri igihe cabo bitebe bitebuke kizoshika, bishire amabi bakoreye abenigihugu.

  • aka kagabo ubwo sikamwe kica YEZU eeeeeeewe basha nubu BAYUDA ntibarapfa nukuri

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.