IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Zeid Ra’ad Al Hussein atewe amakenga n’Abarundi babandanya guhunga

Zeid Ra’ad Al Hussein atewe amakenga n’Abarundi babandanya guhunga

jeudi 16 Ndamukiza 2015, par Egide N

Zeid Ra’ad Al Hussein wo mu gisata kijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU amenyesha ko atewe amakenga n’abantu babandanya guhunga mu gihe Uburundi buriko bwitegurira amatora y’umukuru w’igihugu.

Nk’uko Zeid Ra’ad Al Hussein yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, abantu bamwe barafise ubwoba, mbere bamwe bamwe bakaba bamaze guhunga, kubera amatora y’umukuru w’igihugu yitezwe mu kwezi kwa gatandatu. Zeid Ra’ad Al Hussein yari amaze iminsi mu rugendo mu Burundi, yatanze akarorero k’abantu bagera ku bihumbi bitandatu bamaze guhungira mu gihugu kibanyi c’Urwanda, benshi muribo bakaba basiguriye ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko bahunga ubugizi bwa nabi bukorwa n’urwaruka rw’Imbonerakure, ivyo kikaba ari ikimenyetso kibi c’ibishobora gushikira Uburundi mw’ihungabana ry’umutekano. Uwo ajejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ahamagarira Reta y’Uburundi gukora amatohoza hamwe n’ugushengeza mu butungane abo bose bagirizwa ivyaha vy’uguhohotera kiremwa muntu.

JPEG - 50.9 ko
Zeid Ra’ad Al Hussein wo mu gisata kijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Zeid Ra’ad Al Hussein yibukije ko abajejwe umutekano bacungera abantu bose, n’abanyeporitike bose atawuvuyemwo. Kubwa Zeid Ra’ad Al Hussein wo mu gisata kijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, umuti ni umwe gusa kugira amahoro n’umutekano ntibihungabane, n’amatora azogende neza : n’uko amaserano y’i Arusha yokwubahirizwa.


Egide Nduwimana

Messages

  • Natwe turagowe abarundi baranse amahoro

  • Aravuga ntavura! Nuko abwira ivyo bipfamatwi vyageseye! Ingero bagereramwo abandi irabarindiriyeAravuga ntavura! Nuko abwira ivyo bipfamatwi vyageseye! Ingero bagereramwo abandi irabarindiriye !

  • Mbe kwatatewe amakenga naba MSD bafatanywe ibigwanisho kungoro yayo mu kinindo? canke bamwe batera muntara ya cibitoke? muraraba neza ?

  • mbega nduwimana na nuwera mwaroye ?ko mutaravuga andika nyarutsa ahubwo mwandikire nations unies bamukure ko yakoze aho mugwaye hiiiiiiiiiii

  • Ikibarirwa ni icumva. la paix n’a ps d’equivalent.

  • ndasavye ko umukuru wigihugu asanzwe ari umukozi wimana nafume yubaha imana ntdute mukaga

  • Une dictature est un pays dans lequel on a pas besoin de passer toute une nuit devant son poste pour apprendre le résultat des élections.

  • Bantazira Nuwera, narabinabwiye rekanobgere ndabisubiremwo ONU nayandimashirahamwe mpuzamakungu harihigihugu nakimwe mwigeze mwumva avugako bishobora kujamukaga mbereyukokaba? Ntakiriho. Natwerero ngahamu Burundi ONU murabinako igira icivuze kubera akaga katanguye nyunayamatora yomuri 2010 kintambara yububeshi, iyontambara yububeshirero bamwe irabagora kurwana ariko yoyaba arintambara yibirwanisho egonimbi ariko tubatwaragize icotwokorera, arikorero iyintambara yububeshi turayurembeje kuko igene mugice canyuma cayo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.