Abahora badandariza muri ’’Le Grenier du Burundi’’ basavye kwugururirwa batore ibidandazwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 5 juillet 2017 saa 10:52
Yasomwe : 9612
0 0

Abahora badandariza mu kibanza "Le Grenier du Burundi" kiri hafi y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura basaba kwugururirwa kugira batore ibidandazwa vyabo biri muri ico kibanza bitarononekara.

Bamwe mu bavuganye n’ikinyamakuru IGIHE bavuga ko mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 5 Mukakaro 2017, bazindutse baje gusohora ibidandazwa nk’uko babisabwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy MBONIMPA, ariko basanga ico kibanza gikikujwe n’abaporisi.

Abo bahora badandariza mu kibanza "Le Grenier du Burundi" bagizwe ahanini n’abakenyezi, bavuga ko bafise amakenga ko naho bosohora ibidandazwa vyabo batabona iyo baca baja kuko ata bibanza bafise mu yandi masoko.

Bavuga ko bagize ikibazo kuko, mu gihe isoko igenzurwa n’umuntu yigenga, uwo muntu yari kuba yavuganye n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura kugira bitegure, gutyo n’amafaranga batanze y’ibibanza babanze bayakoreshe ahere.

« Nyene isoko ntaco yigeze atubwira, ntiyaduteguje. Ikibanza kimwe twakirihira ibihumbi ijana na mirongo ibiri ku kwezi, abafise amezi atatu barishe bari kuba bategujwe kugira amafaranga barishe ntahereyo. »

Abajejwe umutekano twasanze muri ico kibanza, batumenyesheje ko ata tegeko bafise ryo kwugurura kugira abadandaza batore ibidandazwa, bagasaba abadandaza bafise ico babaza ko boshikira abayobozi b’igisagara ca Bujumbura.

Ntiturashobora kuronka ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura kugira bugire ico bushikirije kuri ivyo vyasabwe n’abadandaza.

Kuva ku munsi w’Imana igenekerezo rya 2 Mukakaro 2017, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yari yahaye abadandariza mu kibanza "Le Grenier du Burundi’’ amasaha 48 kugira babe bakuye ibidandazwa muri ico kibanza, bimukire mw’isoko ya Ngagara ya kabiri benshi bazi kw’izina ry’Isoko ya COTEBU.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha