Accueil > Kwidagadura > Abaririmvyi batandukanye bateguriwe igiteramo na BUJA FM
Abaririmvyi batandukanye bateguriwe igiteramo na BUJA FM
jeudi 29 Ruheshi 2017, par
Muri ico giteramo citiriwe "DUNDA NA BUJA FM2017", abakunzi b’iyo nsamirizi bahawe ikaze ryo kubonana amaso mu yandi n’abaririmvyi bakunda. Ico giteramo kizoba ikibiriraho : abaririmvyi bazoba bari mu giteramo bazovugishwa kandi no ku nsamirizi kugira abakunzi bataronse akaryo ko kuhashika baryohernwe nabo mu kubakura.
Ingene igiteramo gitunganijwe
Abaririmvyi hamwe n’imirwi y’abaririmvyi bashika ku 30 nibo bazoremesha igiteramo kuva isaha 12 z’umurango gushika isaha zine z’ijoro. Bamwe muribo baramaze kwiyandikisha. Abo nabo ni nka : Big Fizzo, Sat-b, Natacha, Peter Niyo, Frank Burundiano, Masterland, Famba, Lolilo, Chany Queen, Peace&Love, BestLife, MirrorTeam, hamwe n’abaririmba indirimbo zihayagiza Imana nka Nolasque ntibatanzwe kwiyandikisha.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, abo bose bahawe ijambo, bashima ico giteramo kibaye imboneka rimwe mu Burundi.
Abakunzi ba Buja FM baroroherejwe mu kinjira kuko itike yashizwe ku mafaranga ibihumbi bibiri gusa mu bibanza bisanzwe, hamwe n’amafaranga ibihumbi bitanu, n’bihumbi mirongo ibiri mu bibanza vy’iteka.
Muri ico giteramo hazoba ivyo kunywa n’ivyo gufungura, nk’uko bishikirizwa n’abariko barategura ico giteramo.

Tubamenyeshe ko ico giteramo kizoba kw’igenekerezo rya 05 Myandagaro 2017, abariko baragitegura bakamenyesha kandi ko gishobora no kuzohora kiba uko umwaka utashe.



Cherif NKESHIMANA
Messages
20 Mukakaro 2017, 09:59, par akingabiye bonfils
bt mwes turashma kugikorwa mwatanguj cogukora mubundi bwose