IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Urwaruka rwo mu Kinama rwiyemeje guteza imbere igihugu biciye mu mpano (...)

Urwaruka rwo mu Kinama rwiyemeje guteza imbere igihugu biciye mu mpano Imana yabahaye

lundi 30 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Kubwa Anaclet Katumbulu aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ALDP, urwaruka rufise uruhara runini mw’ihinduka ry’igihugu, biciye mu mpano basanganywe.

«Urwaruka nirwo kazoza k’ejo. Iterambere ry’igihugu riri mu minwe yabo. Intumbero yacu, ni ukubafasha tukabatera intege mu mpano basanganwe, kugira ngo bagire ico baterereye mw’iterambere ry’iguhugu, eka mbere nabo nyene bashobore kubeshwaho n’impano Imana yabahaye ».

JPEG - 2.3 Mo
Anaclet Katumbulu aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ALDP

Salvator Amani, umukuru wa karitiye Ngozi, ari naho ico giteramo cabereye, amenyesha ko zone ya Kinama isanzwe ifise urwaruka rufise impano nyinshi kuva na kera.

«Urwaruka rwo mu Kinama rwamye ruri imbere mu bijanye n’uguteza imbere igihugu biciye mu nkino n’imico kama. Twovuga nkaba Kidumu naba Rallye Joe mu muziki, ba Lambalamba mu mupira wamaguru, n’abandi benshi.»

JPEG - 675.8 ko
Salvator Amani, umukuru wa karitiye Ngozi

Arongera akavuga ati : «Urwaruka rwitayeho gukomeza impano zarwo bituma birinda ibibasamaza, ndetse n’abanyeporitike bobahenda bakabakoresha amakosa baba babirinze».

Aranatera akamo urundi rwaruka ruri mu yindi mihingo kwijukira inkino n’imico n’akaranga, bakarondera guteza imbere impano zabo, mu kwirinda ivyobasamaza bitabagirira akamaro.

Vyiza Tonny, umwe mu rwaruka yari muri ico giteramo akaba asanzwe akina amareresi, avuga ko yiteze kuba umukinyi rurangiranwa w’amareresi kandi yipfuza kugira ico aterereye igihugu abicishije mu mpano asanganwe yo gukina amareresi.

« Kuva nkiri muto, narakunda gukina kandi naripfuza gose kuzoba rurangiranwa no mu makungu nkagira ico mariye igihugu canje. Ubu ndabona ko indoto zanje zizoba ukuri».

Nishimwe Adidja, umwigeme akina amareresi nawe nyene arakenguruka ibikorwa bashitseko, akanashima ingene baronse ababafasha mu gushira ahabona impano zabo.

«Amashirahamwe ya APM na ALDP yaradufashije mu gutuma dushira ahabona impano zacu. Birafasha cane urwaruka, bigatuma bamwe baheba kuja muma Ligala canke kuja mu buhumbu. Kuri jewe nsanzwe nkunda gukina amareresi, vyaramfashije mu kwereka ivyo nshoboye kandi nipfuza ko vyombeshaho muri kazoza»


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.