IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Menya umurundikazi mwiza kandi aciye ubwenge yatowe mu Bubiligi

Menya umurundikazi mwiza kandi aciye ubwenge yatowe mu Bubiligi

lundi 11 Nyakanga 2017

Kajoline Sona, umurundikazi w’imyaka icumi n’icenda, aba mu gihugu c’ububiligi, niwe yaraye yambitswe ikanga rya Miss Burundi Belgique. Imbere y’uko umunsi nyamukuru w’ihiganwa ushika, nk’uko n’abandi bahiganwa nawe bagiye babikora, Kajoline yarashikirije imigambi yorangura mu gihe yotsinda ihiganwa.

Mu migambi yiwe, Kajoline yashikirije ko yipfuza guteza imbere igihugu ciwe. Avuga ko arangije amashuri yiwe azoca asubira mu Burundi ajanye n’imigambi y’itera mbere riciye mu mashiharamwe. Kajolina yashikirije kandi ko incuro ya mbere y’ihiganwa rya Miss Burundi Belgique ari intambwe yiwe ya mbere yoguserukira igihugu ciwe c’amavukiro mu gihugu c’amwakiriye aribwo Bubiligi.

Abona ko rero ihiganwa rya Miss Burundi Belgique ari akaryo keza ko kumenyekanisha ubutunzi kama bw’Uburundi, igihugu c’amata n’ubuki.

Kajoline Sona, Miss Burundi Belgique azofashanya na Nahimana Martine icababa ciwe ca mbere hamwe na Kaze Lisette icababa ca kabiri.


Cherif NKESHIMANA

Messages

  • mbega uwo mwigeme tubona amabere ari ku musozi;iyo kanzu nta machine ifise? ivy’ubu bigiye kutuyobera.

  • @nahimana
    Ivyo nkeka arivyo bigezweko (turahiriwe!). Umenga bayita "Décolleté plongeant"!
    Ah’ubwo vyari kuryoha iyo iyo kanzu yaca ayinyereza igakoroka ibirori bikongerekana.
    Ivyo bintu binyibutsa ivyo Sophie Marceau yagiriye i Cannes muri Festival ya Cinéma umwaka umwe!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.