IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Miss Supranational : Umwigeme ava muri Koreya y’Epfo yatahukanye ikibanza ca (...)

Miss Supranational : Umwigeme ava muri Koreya y’Epfo yatahukanye ikibanza ca mbere

samedi 2 décembre 2017

Jenny Kim amenye ko ariwe yatsinze mur’iryo higanwa yaranzwe n’amarira y’umunezero, bikaba vyabaye ngombwa ko bagenziwe bamuhoza.

Uwo yatowe kuba Miss Supranational yambitswe urugori rwa Miss Supranational na Srinidhi Ramesh Shetty yari yatsindiye ico kibanza mu mwaka uheze wa 2016.

Jenny Kim amaze kwitaba amahiganwa atandukanye,kuko mu mwaka wa 2016 yaserukiye igihugu ciwe mw’ihiganwa rya Miss Universe ndetse aho yahavuye atahukana ikibanza ca mbere ,mu mwaka wa 2015 naho yatahukanye ikibanza ca Miss mu gihugu ciwe c’amavuka ca Koreya y’epfo.

Ibirori vo kwimika Miss Supranational vyabereye ahitwa Sports and Recreation Center mu gisagara ca Krynica-Zdroj mu gihugu ca Pologne aho Jenny Kim yaronkejwe agashimwe kagizwe n’ibihumbi 30 vy’amadorari y’abanyamerika.

Muri bane baje ubwa mbere inyuma ya Jenny Kim hariho uwitwa Martha Martinez ava mu gihugu ca Colombie, Bianca Tirsin ava muri Romania, Bitaniya Josef ava mu gihigu ca Ethiopie hamwe na Larissa Santiago wo gihugu ca Puerto Rico.

Abakobwa 25 baje mu bibanza vya mbere bava mu bihugu vya Indonesie ,Vietnam ,Albanie, Ethiopie, Bresil, Pologne, Koreya , Thailande, Portugal, Sudan y’epfo, Inde, Serbie, Mexique, Colombie, Costa Rica, Australie, Italie, Philippines, Roumanie, Pays de Galles, Perou, Japon, Jamaique, Bolivie hamwe na Puerto Rico.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.