IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Hateguwe urukino hagati y’abamenyeshamakuru b’inkino n’abaririmvyi

Hateguwe urukino hagati y’abamenyeshamakuru b’inkino n’abaririmvyi

mardi 12 Nyakanga 2017

Urukino rwo kunyinyurana hagati y’abamenyeshamakuru n’abaririmvyi ruzoba kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga 2017,ku kibuga citiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore(Stade Prince Louis Rwagasore), kuva igihe c’isaha icenda z’umuhangamo.

Amakuru dukura mu bariko bategura urwo rukino atubwira ko intumbero nyamukuru ari kurondera amahera yogufasha abana ba ntaho nikora, mu kubaronsa ibikoresho vy’ishuri. Ayo makuru nyene avuga ko abazofashwa bazomenyekana uburyo bumaze kuboneka. Naho bir’uko, bivugwa ko bazotora abari mu bigo bisanzwe biri mu gisagara ca Bujumbura.

Kwinjira kurorera urwo rukino ni amafaranga amajana atanu (500) ku mpande z’ikibuga, amafaranga ibihumbi bibiri (2000) mu bibanza A na D, hamwe n’ibihumbi bitatu (5000) mu bibanza B na C.

Eka hari n’ibibanza vy’iteka ku bazoba bashaka gushigikira umugambi wo gufasha abo bana, bazoriha ibihimbi mirongo ibiri (20,000).

Tubibutse ko buzoba bubaye ubwa mbere umurwi w’abamenyeshamakuru uzoba utanye mu mitwe n’uw’abaririmvyi bari mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi Amicales des Musiciens du Burundi.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.