Abayobozi b’Uburimyi n’Ubworozi mu ntara basabwa gutanga amakuru akwiye ku barimyi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 21 Nyakanga 2017 saa 12:53
Yasomwe : 3942
0 0

Mu gihe ikirere cerekana ko imvura isa n’iyatasuye mu gihugu,ikigo kijejwe gukurikirana ihindagurika ry’ikirere mu Burundi IGEBU gihamagarira abayobozi b’uburimyi n’ubworozi mu ntara kwegera abarimyi bakabaha amakuru ku mbuto bosohora n’igihe boziterera mu mirima.

Umuyobozi w’igisata kijejwe amazi n’ihindagurika ry’ikirere mu kigo IGEBU Aloys RURANTIJE amenyesha ko atawokwemeza ko imvura yamaze gutasura neza, kuko bitegekanijwe ko izotasura hagati y’impera z’ukwezi kwa Nyakanga n’intango y’ukwezi kwa Gitugutu.

Aloys RURANTIJE avuga ko muri rusangi imvura ihari ariko igomba kuba nkeya mu bice bimwe bimwe vy’igihugu,agasaba ko abarimyi boba barategura imbuto n’aho bazozitera, mu kurindira ko imvura igwa neza.

JPEG - 90 ko
Aloys RURANTIJE,Umuyobozi w’amazi n’ihindagurika ry’ibihe mu kigo IGEBU

Umuyobozi ajejwe amazi n’ihindagurika ry’ikirere mu kigo IGEBU arasigura igituma abarimyi batoca batangura gutera kubera babonye imvura yatanguye kugwa mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Aloys RURANTIJE avuga ati:’’Turacagenzura ntawokwemeza ko imvura izoba nkeya.Abarimyi boba barategura imbuto n’ubusize, ariko igikorwa co gutera kikaba mu nyuma mu kurindira ko imvura igwa neza.’’

Umuhinga ategekanya ihindagurika ry’ibihe Aaron NTIRANYIBAGIRA amenyesha ko imvura yamaze kugwa itari mu kiringo c’agatasi kuko imvura yotuma abarimyi batera imbuto izogwa hagati y’igenekerezo rya 30 Nyakanga na 15 Gitugutu 2017.

JPEG - 90.2 ko
Aaron NTIRANYIBAGIRA,akurikirana ihindagurika ry’ibihe

Aaron NTIRANYIBAGIRA arasigura uko imvura izogwa mu kiringo c’agatasi:’’Imvura irahari mu gihugu cose ariko igomba kuba nkeya. Mu ntara z’Ubuseruko, Rutana,Ruyigi,Cankuzo,Makamba,Muyinga,Kirundo,Karusi n’igice c’intara ya Gitega imvura izosumba uko yahora.’’

Yongeye asigura ati: ‘’Mu ntara kama ya Kirimiro, Mugamba, intara za Muramvya, Mwaro, n’igice c’intara ya Kayanza hazogwa imvura ikwiye ariko izoza iragabanuka buke buke. Mu ntara z’imbo , Bubanza,Bujumbura na Rumonge imvura izoba nkeya.’’

Mwomenya ko mu vyigwa vyakozwe habonetse ko mu kiringo c’agatasi co kuva mu kwezi kwa Nyakanga gushika muri Kigarama imvura izogwa ari nkeya bagereranije n’iyahora igwa muri ico kiringo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha