IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ibidukikije > Umukuru w’igihugu yasavye ko haba umunsi w’ibikorwa rusangi vyahariwe (...)

Umukuru w’igihugu yasavye ko haba umunsi w’ibikorwa rusangi vyahariwe gukingira ibidukikije

mercredi 2 mai 2018

Mw’ijambo yashikirije kur’uno wa kabiri, igenekerezo rya 1 Rusama 2018, ku munsi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi, mu ntara ya Rutana, umukuru w’igihugu yavuze ko ibidukikije bifise uruhara rukomeye mu buzima bw’igihugu n’abanyagihugu.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yavuze ko muri ivyo, harimwo amazi, ayo nayo akaba akwiye gukingirwa bikomeye, na cane cane hakoreshejwe ubuhinga bwo kwubaka ibigega vyo kwegeranya amazi mu ngo z’abantu.

Muri iryo jambo, umukuru w’igihugu yasavye ko mbere aho vyoshoboka, abanyagihugu bofashanya mu kwubakiranira ivyo bigega, kugira begeranye ayo mazi, ashobora kuzoba azimvye gusumba igitoro mu mwaka wa 2050.

JPEG - 49.8 ko
Petero NKURUNZIZA, Umukuru w’igihugu c’Uburundi

Umukuru w’igihugu, ntityibagiye guhamagarira abarundi, kwitaho guca imikobeko ikingira inkukura ku misozi, kuko bimaze kuboneka ko, inkukura iri mu bituma imyuzurira itera, na cane cane mu bibanza biri munsi y’imisozi.

Umukuru w’igihugu yasavye abajejwe intwaro kuva ku rwego rwo hasi gushika ku rwego rwo hejuru, gutunganya ibikorwa rusangi vyo gukingira ibidukikije, n’imiburiburi rimwe mu kwezi.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Andika hano Komera Kungoma Imigambi Yawe Irashe Niyo Ituma Dukunda Uburundi Utwigisha Kazoza Nakubu Jewe Ibitinate Nuvis Ndabone Neza Inyama Yumwaka Nokwaka Nideni Bakarimpa Ibidukije HosubiraHo Muburere Bwose Hagahimirizwa Pikinyeri Iraba Umutumba

  • nyakwubahwa kuva 2005 tugutora imigambi yarimyiza na portike yagenzeneza bivanye nukwihanganira birya binywamaraso vyari vyarigometse mukugandagura abategetsi twitoreye ok impinga nindende ntakabikawe mutama nurabe muhererekanye ubutegetsi kugirango umugambwe cndd fdd ugumane ishema ryukubisanya kubutegetsi namwe muhabwamateka yugutsimbataza demokarasi ninaho mwoshobora gutunganya izabukuru neza murarabe ntimube nka havyarimana amateka meza yamuhindukanye mabi canke mugabe yavyutsasanga bamwimikiyeko gutanga kuneza numunezero ntangere nomubenegihugu bawe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.