Accueil > Amakuru > Ibidukikije > Gitega : Imvura ivanze n’umuyaba yaguruye amazu ihitana n’inkingi ya Radio (...)
Gitega : Imvura ivanze n’umuyaba yaguruye amazu ihitana n’inkingi ya Radio Star FM
samedi 30 décembre 2017
Amakuru dukesha abarongoye intwaro ku mutumba Ntobwe, amenyesha ko ibisakazo vy’inzu n’imiburiburi umunani, amashuri abiri, n’utuzu twa surwumwe twa kijambere arivyo vyagurutse mu mvura ivanze n’umuyaga yaguye kuva nk’igihe c’isaha umunani z’umutaga kur’uyu wa gatanu.
NTAKARUTIMANA Ildephonse arongoye umutumba Ntobwe amenyesha kandi ko inkingi ituma amajwi ya Radiyo Star FM isamiranira mu karere ka Nyabugogo ashika kure yavunitsemwo kabiri,umwana umwe nawe yoba yakubiswe n’inkuba arakomereka, ubu akaba ari mu bitaro.
Mu giporisi c’Uburundi baremeza ayo makuru,umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha inzu zononekaye, muri quartier Nyabisindu, umukobwa w’imyaka 15 akubitwa n’inkuba, amabati y’utuzu twa surwumwe 6 tw’Ishuri ryigisha ubuhinga bwo kurima ITAB ry’i Mweya nayo araguruka.
Umukuru w’umutumba Ntobwe asaba abagiraneza kugarukira ku miryango idafise aho ikika umusaya kubera iyo mvura yaguruye ibisakazo vy’amazu yayo, kuko gushika ubu ata bariko basaba indaro kandi bari basanzwe bafise aho baba.
MUGISHA Van Naris