IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Ibidukikije > Uburundi bwakiriye inama nshikiranganji y’ibihugu bikoresha amazi y’uruzi (...)

Uburundi bwakiriye inama nshikiranganji y’ibihugu bikoresha amazi y’uruzi Nil

Monday 13 August 2018, by vianney

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE mw’ijambo ryo kugurura iyo nama, yasavye ko uruzi Nil rwokingirwa hongere habungwebungwe ubutunzi kama bwaco kuko kwitaho urwo ruzi biva kugushirahamwe kw’ibihugu bikoresha amazi yarwo.

Joseph BUTORE yavuze ko abitavye iyo nama barabira hamwe imigambi bamaze kurangura,intambanyi bahura nazo kugira bashobore kwiga uko batorera inyishu zihanze ishirahamwe ryabo.

Umushikiranganji w’ibidukikije ,uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA yamenyesheje ko gukorana hamwe kw’ibihugu bikoresha amazi ya Nil arivyo bizotuma bateze imbere igisata c’amazi hamwe no gushika kw’iterambere rirama murico gisata.

Deo Guide RUREMA yavuze ko ibihugu bikoreye hamwe bizotuma bubaka ukwizerana hagati y’ibihugu bikoresha amazi y’uruzi Nil bitume baronka akunguko kugira ubutunzi bw’urwo ruzi babukoreshe.

Ibihugu bikoresha amazi y’uruzi Nil ni 10 arivyo Uburundi, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,Misiri, Erythrée,Etiyopiya,Kenya, Urwanda, Sudani,Uganda hamwe n’igihugu ca Tanzaniya.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.