IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ibidukikije > Bubanza : Abanyagihugu batewe umutima uhagaze n’umucafu uva mu mabagiro (...)

Bubanza : Abanyagihugu batewe umutima uhagaze n’umucafu uva mu mabagiro y’ibitungwa

lundi 26 mars 2018

Umuhanuzi wa musitanteri wa komine Mpanda, ajejwe intwaro n’imibano Godefroid NIYUNGEKO, amenyesha ko, ibibanza bishasha vyo kubagiramwo biriko bitunganywa, mu ntumbero yo kugarukira isuku hamwe no gukingira ibidukije.

Godefroid NIYUNGEKO, avuga kandi ko, ivyo vyakozwe, kuko abanyagihugu bari bamaze iminsi itari mike bidogera abajejwe intwaro hamwe n’abayangayanga ko ataco bakora kugira bakingire amagara yabo.

Abanyagihugu, bavuga ko bibabaje kuba abajejwe intwaro ataco bari bwakore, kugira bakingire abanyagihugu, mu gihe imicafu iva aho babagira yaja mu ruzi Gifurwe, kandi amazi yayrwo bayakenera kuyakoresha.

Ivyo bibanza vyo kubagiramwo, biriko bitunganywa, mu gihe ibibanza vyari bizwi, biri ku Muzinda, Komine Rugazi, intara ya Bubanza.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.