IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ibidukikije > "Ata gikozwe ikiyaga Tanganyika kizosigara ari ikiziba"

"Ata gikozwe ikiyaga Tanganyika kizosigara ari ikiziba"

jeudi 20 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, NSENGIYUMVA Désiré yamenyesheje ko ibice vya Kanyosha na Mutimbuzi arivyo bibamangiwe n’umucafu uturuka cane cane ku mahinguriro, aho akagira ati : "Atagikozwe ikiyaga Tanganyika kizosigara ari ikiziba”.

NSENGIYUMVA Désiré yamenyesheje kandi ko kuva mu mwaka w’1994, amazi y’ikiyaga Tanganyika yari amaze gucafura gushika ku bice 1,2 ariko ubu akaba amaze gucafura gushika ku bice 25, aho akaba ari mu gihe mu gisagara ca Bujumbura ayo mazi y’ikiyaga ca Tanganyika akoreshwa ku bice 99 kw’ijana.

Ku bijanye n’ibibomoka biterwa n’inzuzi, Jeremie Nyandwi ari mu bitaho gukingira ikiyaga Tanganyika avuga ko batanguye gukingira ivyo bibomoka hamwe no gutera ibiti n’imigano mu ntumbero yo gukinga ko ibibomoka vyongera kwibonekeza.

Mwomenya ko ikiyaga Tanganyika giheruka gushirwa ku rutonde rw’ibiyaga biza ubwa mbere mu bibangamiwe n’umucafu kw’isi muri uwu mwaka w’2017.

Ikiyaga Tanganyika gisangiwe n’ibihugu 4 arivyo Uburundi (8%), Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo (45%), Tanzaniya (41%), Zambiya (6%).

Umusi mukuru wahariwe ico kiyaga ukaba umaze imyaka 12 uhimbazwa mu Burundi kw’iigenekerezo rya 22 Mukakaro 2005. Uwu mwaka ukazohimbazwa kuri uwu wa gatandatu mu ntara ya Rumonge ku civugo kivuga giti : "Dukingire ikiyaga nibwo buzima bwacu."

Ubushikiranganji bujejwe ibidukikije amazi no gutunganya ibisagara bwamenyesheje ko kuva uwo musi utanguye guhimbazwa ku rwego rw’igihugu, ko hamaze gukorwa ibikorwa bifasha mu gukingira ico kiyaga nko gutanga inyigisho ku bantu baba ku nkegera z’ikiyaga, gutanga ibipimo ntarengwa ku bashaka kwubaka ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika, gutera imigano hafi y’inkengera z’ikiyaga hamwe n’ishingwa ry’imigwi ijejwe kwigisaha abantu ibijanye n’ibwirizwa ry’amazi mu ntumbero yo gukingira ico kiyaga.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.