Accueil > Kwidagadura > Ihiganwa "Elicom Motocycle Racing" ni aho bukera
Ihiganwa "Elicom Motocycle Racing" ni aho bukera
vendredi 1er Nyakanga 2017, par
Ku kibuga ca ETS Kamenge, kuva aho bukera ku magenekerezo ya kabiri na gatatu Nyakanga hazobera ibirori birimwo n’ihiganwa ry’abagendesha amapikipiki bo mu Burundi no mu makungu. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umukuru wa Elicom, amenyesha ko integuro ziriko zigenda neza cane. Avuga ko ku rwego rw’inzobere mu mahiganwa y’amapikipiki bamaze kwiyandikisha. Aha, avuga abavuye mu bihugu bikurikira : Kenya, Tanzaniya, Ubufaransa, Ububiligi, Australiya, Ubuhindi n’Uburundi.
Naho biri uko, abajejwe imyiteguro muri Elicom Motocycle Racing baravuga ko hari ivyahindutse ku ruhande rw’abazosiganwa ariko atari inzobere "Amateurs". Icahindutse n’uterere bociyemwo. Ivyo navyo bavuga ko vyatumwe n’inkino za gisirikare ziriko zibera mu gihugu.
- Abariko bategura ihiganwa "Elicom Motocycle Racing"
Nk’uko vyavugiwe muri ico kiganiro, abategura ihiganwa "Elicom Motocycle Racing" baragiranye amasezerano n’amashirahamwe ajejwe gukinga impanuka ku mvo z’ugukingira abazohiganwa. Bavuga ko n’umutekano uzoba ukwiye narirya Uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura bushigikiye ico gikorwa.
Umurwi utanga amanota warashizweho, abazodandaza ibinyobwa n’ibiribwa baramaze gufata ibibanza. Ibibanza bizobera ihiganwa n’utegenegene biriko birategurwa.
Akabirya ni igiteramo kizoremeshwa na Big Fariouz, Dr Claude, Chany Queen, Masterland, hamwe n’umuririmvyi azova muri Africa y’Epfo batavuze izina.
Tubibutse ko hari haheze imyaka irenga mirongo ibiri iryo higanwa ritabera mu Burundi.
Cherif NKESHIMANA
Messages
1er Nyakanga 2017, 17:59, par Keza Gislene
Turabakeje. Abantu bakora ivyiza vyerekana ishusho nziza y’ igihugu ni bakenewe.
Bravo