Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihiganwa "Elicom Motocycle Racing" ni aho bukera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Ihiganwa "Elicom Motocycle Racing" ni aho bukera

Ihiganwa "Elicom Motocycle Racing" ni aho bukera

vendredi 1er Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Ku kibuga ca ETS Kamenge, kuva aho bukera ku magenekerezo ya kabiri na gatatu Nyakanga hazobera ibirori birimwo n’ihiganwa ry’abagendesha amapikipiki bo mu Burundi no mu makungu. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umukuru wa Elicom, amenyesha ko integuro ziriko zigenda neza cane. Avuga ko ku rwego rw’inzobere mu mahiganwa y’amapikipiki bamaze kwiyandikisha. Aha, avuga abavuye mu bihugu bikurikira : Kenya, Tanzaniya, Ubufaransa, Ububiligi, Australiya, Ubuhindi n’Uburundi.

Naho biri uko, abajejwe imyiteguro muri Elicom Motocycle Racing baravuga ko hari ivyahindutse ku ruhande rw’abazosiganwa ariko atari inzobere "Amateurs". Icahindutse n’uterere bociyemwo. Ivyo navyo bavuga ko vyatumwe n’inkino za gisirikare ziriko zibera mu gihugu.

JPEG - 61.8 ko
Abariko bategura ihiganwa "Elicom Motocycle Racing"

Nk’uko vyavugiwe muri ico kiganiro, abategura ihiganwa "Elicom Motocycle Racing" baragiranye amasezerano n’amashirahamwe ajejwe gukinga impanuka ku mvo z’ugukingira abazohiganwa. Bavuga ko n’umutekano uzoba ukwiye narirya Uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura bushigikiye ico gikorwa.

Umurwi utanga amanota warashizweho, abazodandaza ibinyobwa n’ibiribwa baramaze gufata ibibanza. Ibibanza bizobera ihiganwa n’utegenegene biriko birategurwa.

Akabirya ni igiteramo kizoremeshwa na Big Fariouz, Dr Claude, Chany Queen, Masterland, hamwe n’umuririmvyi azova muri Africa y’Epfo batavuze izina.

Tubibutse ko hari haheze imyaka irenga mirongo ibiri iryo higanwa ritabera mu Burundi.


Cherif NKESHIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.