IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Ikoh yasohoye amajwi y’ururirimbo "Mfura ya Mama"

Ikoh yasohoye amajwi y’ururirimbo "Mfura ya Mama"

jeudi 13 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuririmvyi azwi kw’izina rya Marembo ni umurundi ariko yakuriye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Amakuru dukura muri Ikoh Multiservice avuga ko inyuma yaho uwo Marembo arondereye Amir Pro (umuhinyanyuzi wo muri Ikoh) kugira amukorere amajwi y’ururirimbo "Mfura ya Mama", abarongozi ba Ikoh baciye bemera kumufasha kuyimenyekanisha.

Ikoriciza Haruna ati : "Maze kwumva urwo ruririmbo, rwarandyoheye cane. Ikindi cantangaje n’uko urya muririmvyi yaririmvye mu Kirundi ciza kandi yavukiye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika." Arongera ati : "Ko yashimye kuyikorera mu Burundi na cane cane muri Ikoh, twaciye tuyimukorera, twongera tumufasha kuyimenyekanisha mu bimenyeshamakuru vyo mu Burundi, kanatsinda guteza imbere abaririmvyi n’ico civugo cacu".

Ururirimbo "Mfura ya Mama" rwakozwe n’umuhinyanyuzi Amir Pro,asanzwe akorana na Ikoh Multiservice.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.