Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Inama nkenguzamateka yemeje integuro yamabwirizwa abiri
Inama nkenguzamateka yemeje integuro yamabwirizwa abiri
Thursday 16 August 2018, by
Umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu no gutunganya ibisagara Jean Bosco NTUNZWENIMANA yamemyesheje ko ibarabara inomero 16 bahisemwo kuryubaka kuko rihuza imigenderanire y’abantu bo mu ntara nyinshi kugira ababa hagati mu gihugu no mu buseruko bashobore gushika mu Rumonge gutora ibidandazwa biboroheye kuko ubu babironka biciye i Bujumbura.

Jean Bosco NTUNZWENIMANA yavuze ko ibarabara RN3 Nyanza Lac-Rumonge rifise akamaro kanini kuko ibidandazwa bivuye i Mombassa bigaca i Dar Es Salaam bishika i Burundi biciye kw’iryo barabara rya Rumonge –Nyanza Lac .
Bimwe mu bibazo vyabajijwe n’abakenguzamateka nibijanye n’amakenga y’amabarabara akorwa ariko akononekara ata myaka 5 irahera kandi haba hakozwe ivyigwa vyo kuryubaka.
Kurico kibazo,umushikiranganji Jean Bosco NTUNZWENIMANA yishuye ko bashizeho umurwi ujejwe kwemeza ivyigwa biba vyakozwe imbere yuko ibikorwa vyo kubaka bitangura.
Yaba integuro y’ibwirizwa ijanye no kubaka ibarabara inomero 16 hamwe n’ibarabara inomero RN3 yose yemejwe n’abakenguzamateka ijana kw’ijana ku bakenguzanateka 34 bari bitavye hamwe na 4 bari batumye.


IGIHE
Forum posts
18 August 2018, 06:25, by Salathiel Damian
Nagira Nanje Mbaze, Ko Ibarabara Rya Cankuzo-Gahumo Rihuza Uburundi Na Tanzania Riciye Muri Commune Mishiha Ko Ritavugwa? Turasaba Kweli Rishugurikirwe Kuko Twaryemerew Na Nyakubahwa Président Nkurunziza.Turasavye Dushimitse Kweli.
19 August 2018, 23:56, by nkurunziza alexandre
ndagize mwakeye cnk mwiriwe bivanye nahomuri.jew numvabishimishije cane kumva ibarabara RN3 rigiraryubakwe.uvuye inyanza-lac ugenda murumonge rirateye isoni!