IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Inama nkenguzamateka yemeje umurwi mushasha w’abantu 7 ujejwe gutunganya (...)

Inama nkenguzamateka yemeje umurwi mushasha w’abantu 7 ujejwe gutunganya amatora

Wednesday 29 August 2018, by vianney

Abari muruyo murwi mushasha ujejwe gutunganya amatora batanzwe kugira bemezwe muriyo nama nkenguzamateka ni Annociate NIYONKURU w’umututsikazi,Jean Anastase HICUBURUNDI umuhutu avuka mu gisagara ca Bujumbura,Hyacinthe NIYONZIMA umututsikazi wo mu ntara ya Kayanza,Serges NDAYIRAGIJE umututsi,Muganga Pierre Claver KAZIHISE umuhutu wo mu ntara ya Mwaro,Philippe NZOBONARIBA w’umuhutu hamwe na Maggy KAMANA umuhutukazi wo mu ntara ya Bubanza.

Abo bose uko ari 7 bemejwe ijana kw’ijana n’abakenguzamateka 34 bari bitavye ico gikorwa hamwe na 5 bari batumye.

Uwo murwi mushasha ujejwe gutunganya amatora CENI ugiye kugirwa n’abahutu 4 abatutsi 3 bose bagizwe n’abagabo 4 hamwe n’abagore 3.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.