IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Kebby Boy na Voltage Music basohoye "Onyirira"

Kebby Boy na Voltage Music basohoye "Onyirira"

jeudi 27 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Kebby Boy ari kumwe n’umurwi "voltage Music" bakoranye ururirimbo "Onyirira" ari narwo rwashizwe ahabona. Ururirimbo rwakozwe n’umuhinyanyuzi Vad asanzwe akorera amajwi y’indirimbo abo baririmvyi bo muri Uganda.

Kebby Boy arashima uko ururirimbo rwakozwe, akanashima kandi ko amazina y’abaririmvyi b’Abarundi ariko amenyekana mu bihugu bibanyi no mu makungu.

"Onyirira", nk’uko Kebby Boy abivuga, ni ururirimbo ruhayagiza ubwiza bw’umwigeme. Bivugwa ko vidéo y’urwo ruririmbo igiye kuzokorwa n’umuhinyanyuza karuhariwe w’aho i Kampala.

Kebby Boy avuga ko gukorana n’abandi baririmvyi b’Abarundi bifise akamaro kanini, haba ku muririmvyi canke kw’ibendera ry’Uburundi. Ku bw’ivyo, uwo muririmvyi atubwira ko mu nteguro ziwe harimwo kugwiza gukorana n’abandi, ico yita ama "collabo".

Tubamenyeshe ko "Voltage Music" ari umurwi ugizwe n’abaririmvyi babiri aribo Kent Koojo na Michael Flosso, bazwi cane mu ndirimbo nka Tom&Jerry, Chezamama, Criminal canke Juliana.

Umviriza aho munsi ururirimbo "Onyirira" rwakozwe na Kebby Boy n’umurwi Voltage Music.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.