Accueil > Kwidagadura > Kuki Miss Burundi 2017 yunze ubucuti na Ikoh?
Kuki Miss Burundi 2017 yunze ubucuti na Ikoh?
mardi 29 Myandagaro 2017, par
Amasezerano yashizweko umukono hagati ya Ikoh Multiservice na Miss Burundi 2017 (n’ivyababa vyiwe) azomara umwaka, uharurwa kuva umunsi bayashiriyeko igikumu. Ayo masezerano kandi aje mu ntumbero imwe iyo mirwi ibiri ihuriyeko : gufasha mw’iterambere ry’urwaruka rufise impano yo kuririmba.

Kubwa Miss Burundi, kwiyunga na Ikoh bisa n’ugushira hamwe inguvu mu gufasha mw’ishirwa ahabona ry’impano z’urwaruka. Ikindi Miss yashikirije, ni uko yashimye gukorana na Ikoh Multiservice nk’inzobere mu guharanira impinduka mu rwaruka.
Muri Ikoh nabo bati :" Gukorana na Miss Burundi ari kwongereza inguvu kuzo twari dusanganywe, Miss aje nk’ijwi rishika Kure". Izo nguvu zose zikaba zije kwiyongera kugira umugambi wa "U’ll Changes Vol2" ugende neza.
Tubibutse ko ayo masezerana yashizweko umukono imbere y’abaririmvyi Double Jay na Franck Duniano basanzwe bari mu mugambi "U’ll love changes Vol2". Naho biri uko, Emery Sun ntiyashoboye kuba ari muri ico kibanza ku mvo zo gufatirwa n’ayandi mabanga.



IGIHE