Menya umurundikazi mwiza kandi aciye ubwenge yatowe mu Bubiligi

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 11 Nyakanga 2017 saa 04:49
Yasomwe : 24327
0 0

Umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge w’umurundikazi yaraye atowe mu gihugu c’Ububiligi cabereyemwo igihanwa. Uwo yaraye atewe iteka, agiye gukorera cane cane mu gisata c’uburimvyi, mu ntumbero yo kurwanya ubukene n’inzara mu gihugu ciwe c’amavukiro.

Kajoline Sona, umurundikazi w’imyaka icumi n’icenda, aba mu gihugu c’ububiligi, niwe yaraye yambitswe ikanga rya Miss Burundi Belgique. Imbere y’uko umunsi nyamukuru w’ihiganwa ushika, nk’uko n’abandi bahiganwa nawe bagiye babikora, Kajoline yarashikirije imigambi yorangura mu gihe yotsinda ihiganwa.

Mu migambi yiwe, Kajoline yashikirije ko yipfuza guteza imbere igihugu ciwe. Avuga ko arangije amashuri yiwe azoca asubira mu Burundi ajanye n’imigambi y’itera mbere riciye mu mashiharamwe. Kajolina yashikirije kandi ko incuro ya mbere y’ihiganwa rya Miss Burundi Belgique ari intambwe yiwe ya mbere yoguserukira igihugu ciwe c’amavukiro mu gihugu c’amwakiriye aribwo Bubiligi.

Abona ko rero ihiganwa rya Miss Burundi Belgique ari akaryo keza ko kumenyekanisha ubutunzi kama bw’Uburundi, igihugu c’amata n’ubuki.

Kajoline Sona, Miss Burundi Belgique azofashanya na Nahimana Martine icababa ciwe ca mbere hamwe na Kaze Lisette icababa ca kabiri.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha