Miss Ange Bernice INGABIRE arashima akaryo yaronse naho yatsinzwe

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 4 Nyakanga 2017 saa 03:51
Yasomwe : 8055
0 0

Inyuma yo guhiganirwa ikibanza ca Miss Africa 2017, ariko ntashobore gutwara ikibanza ca mbere, Miss Ange Bernice INGABIRE arashima kubona yaraserukiye igihugu. Arakeza kandi uwatsinze muri iryo higanwa avuga ko ritari ryoroshe.

Mw’ihiganwa rya Miss Africa 2017, Uburundi bwari bwaserukiwe na Miss Ange Bernice INGABIRE yatowe mu mwaka w’i 2016. Ihiganwa rirangiye, Miss Ange Bernice yashikirije ko ahimbawe n’uko yaserukiye Uburundi m’ihiganwa nk’iryo.

Ange Bernice ati:" Ni iteka n’ivyishimo kuri jewe guserukira igihugu muri Miss Africa 2017." Arongera ati:" Ntaco ntakoze kugira nshikane igihugu canje kure, nahakuye vyinshi kandi ndanezerewe ko nashoboye gushika muri icumi ba mbere".

Uwo mwigeme nyene yaciye akeza Miss Asmaou Diallo wo mu gihugu ca Guinee wewe yatsindiye ihiganwa. Ati:" Ndanezerewe nawe mugenzi, ter’imbere kandi ndizera y’uko uzoduserukira vy’ukuri."

Tubibutse ko ihiganwa rya Miss Africa Miss Ange Bernice INGABIRE yitavye ryabereye mu gisagara Johanesburg muri Africa y’Epfo.

Amatora yo muri iryo higanwa ntiyari yoroshe kuko ijwi rimwe ryagurwa ama Dorari 0,25 (0,25$), amajwi ane nayo agurwa idorare rimwe, amajwi 45 agurwa amadorare 10, nayo amajwi 2,775 akagurwa amadorare amajana atanu (500$).


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha