Mt Number One ft Masodja : Irabire vidéo y’ururirimbo "Nzoruguha"

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 2 août 2017 saa 05:23
Yasomwe : 2439
0 0

Mt Number One na Masoja bashize ahabona vidéo y’ururirimbo y’ururirimbo "Nzoruguha". Muri urwo ruririmbo, baririmba bati : "Usa n’igisabo kitagira umurando, urukundo rwawe runtera ubufindo. Excuse me, ntuduze amatiro nomera nk’imbata yoga mu vyondo... tugende muri monde y’urukundo... nzoguha ico ushaka cose chérie nturye umwando." Ayo yari amwe mu majambo twumvamwo ijwi rya Masodja.

Mt Number one nawe ati :" Baby shikuza... shikuza ivyawe n’ama fashions... niwewe rumuri rw’umutima wanje, ni wewe ungarukamwo mu ndoto zanje, ni wewe nama mvuga mu bagenzi banje." Arongera ati :" Baby usipendi wawili watakuita bitch".

Ayo ni amwe mu majambo mushobora kwumviriza mu ruririmbo " Nzoruguha".
Abaririmvyi Masodja canke Yero Masodja na Mt Number One basanzwe bazwi mu muziki ndundi. Masodja azwi canke mu ndirimbo nka " I’m back", "Ni bukebuke", "Umuhemu", n’izindi. Nayo Mt Number One azwi mu ndirimbo nka " Blow My Money", " Chamkorobatti", " Impfuvyi z’Uburundi" yakoranye na Small Dog" n’izindi zitari nke.

Umviriza wongere urabe vidéo y’ururirimbo "Nzoruguha".


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha