Mwoba muzi icasibije igiteramo ca R.Kenny mu ntara ya Muyinga?

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 28 Mukakaro 2017 saa 06:41
Yasomwe : 7218
0 0

Umuririmvyi R.Kenny arababazwa n’agakengerwe gakorerwa bamwe mu baririmvyi b’Abarundi. Ivyo abivuze inyuma y’aho igiteramo ciwe casibijwe ku munota wa nyuma, kandi ku mvo zidatahuritse. Asaba abafise ico bashoboye ko botanga inguvu zabo kugira abaririmvyi bagire icubahiro n’iteka ribakwiye, nk’uko biri mu bindi bihugu.

Indwi iraheze igiteramo ca R.Kenny na bagenzi biwe gisibijwe ku munota wa nyuma. Igiteramo cari kubera mu ntara ya Muyinga mw’ihoteli Amahoro. Vyose vyari vyatunganye, R. Kenny n’abandi bahejeje kwitegura, afata urugendo rumushikana muri iyo ntara. Igiteramo cari kuba ku munsi w’Imana igenekerezo rya 23 Mukakaro. Mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 22 Mukakaro, niho yamenyeshwa ko igiteramo casivye.

Mbega ni igiki casibije ico giteramo?

Nk’uko R.Kenny yabiganiriye ikinyamakuru IGIHE, ico giteramo casibijwe n’umutambukanyi wa mwene ikibanza cari kuberamwo (Hôtel Amahoro). Uwo nawe yababwiye ko iyo habaye igiteramo ahomba vyinshi. Muri ivyo ahomba yashizemwo ubwatsi (gazon) ihateye ko abantu bayihonyanga, ikindi ngo n’uko bavuna intebe ziwe.

Nk’uko R.Kenny abandanya abivuga, uwo mutambukanyi wa mwene Hotel Amahoro yababajwe n’ivyabaye igihe Lolilo yahakorera igiteramo. Avuga ko ubwatsi bwiwe bwahonyanzwe, n’intebe ziravunika. Ari nako gusivya ico giteramo.

Kenny avuga ati : "Uwari yatunganije ico giteramo, amaze kubona bibaye uko yaciye adusubiza amahera twagiyeko hama dusubira i Bujumbura".

R. Kenny avuga ko bibabaje aho abantu batibaza ko kuririmba ari umwuga ushobora gutunga umuntu co kimwe n’iyindi. Avuga ko ivyo biri mu bituma abaririmvyi n’Abarundi n’ibikorwa vyabo bidatera imbere kubera hari ababandanya kubacinyiza.

Asaba uwo wese afise ico yoterere kubikora kugira abaririmvyi n’indirimbo ndundi bihabwe icubahiro n’ikibanza.

Umviriza aha munsi ururirimbo "Ko Wahindutse" rwa R.Kenny


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha