IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > ’’Ntitwiteguye gutsindwa mu mwaka wa 2018 n’izindi twarazitsinze’’

’’Ntitwiteguye gutsindwa mu mwaka wa 2018 n’izindi twarazitsinze’’

lundi 28 mai 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 28 Rusama 2018, Nestor KAYOBERA, umushingwamanza wa Reta y’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko amenyesha ko Uburundi bumaze gutsinda imanza 24, ko rero uru ari ruto narwo bazorutsinda.

Umuyobozi ajejwe iringanizwa ry’ubutungane akaba n’umushingwamanza wa Reta y’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, avuga ko bazokwemera ibizova mu rubanza, ariko bakarwemera mu gihe rushobora kuja mu ngiro.

Umuyobozi ajejwe iringanizwa ry’ubutungane akaba n’umushingwamanza wa Reta y’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko ,Nestor KAYOBERA, avuga ko mu gihe botsindwa mu mwaka wa 2020, mu rubanza rwatanguye mu mwaka wa 2015, bazomenya uko bifata muri ico gihe.

JPEG - 19.9 ko
Nestor KAYOBERA, Umushingwamanza w’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko

Nestor KAYOBERA, avuga ko Reta y’Uburundi yonyene, ariyo yo nyene mu karere ka Afrika y’Ubuseruko itaratsindwa urubanza na rumwe, mu manza bwaburanye, kandi ko ititeguye gutsindwa mu mwaka wa 2018.

Abajijwe kw’ibanga bakoresha kugira batsinde imanza zose baburana muri sentare y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko, Nestor KAYOBERA, avuga ko basoma amategeko akaba ariyo bishimikiza mu kuburana.

Urubanza rwari rwashingishijwe mu mwaka wa 2015, imbere y’uko amatora aba mu Burundi, rushingishwa n’abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe urunani rw’abashingwamanza muri Afrika.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.