IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Petero NKURUNZIZA yemereye Ange Bernice Ingabire ko azobashigikira uko (...)

Petero NKURUNZIZA yemereye Ange Bernice Ingabire ko azobashigikira uko ashoboye

jeudi 13 Ndamukiza 2017, par Jean de Dieu M.

Inyuma y’umubonano umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yahaye Miss Burundi Ange Bernice INGABIRE kuri uwu wa gatatu, yemeye kuzomushigikira muvyo ashoboye.

Mu butumwa yanditse ku muhora Facebook wiwe, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagize ati : "Urwaruka rw’Uburundi ni ubutunzi budasanzwe ku gihugu. Nararonse umwanya wo kuganira n’umwigeme w’akaranga, Ange Bernice Ingabire, afise ivyiyumviro birashe kandi yipfuza guteza imbere igihugu, na cane cane mu gufasha abana bavukana ubumuga. Ari kumwe na bagenzi we, narabatekereye impanuro zizobafasha kubera akarorero keza urundi rwaruka, no kubungabunga imico myiza n’akaranga vy’Uburundi. Narabemereye ko tuzobashigikira uko dushoboye."


IGIHE

Messages

  • Mbe ko atafashije Antime ngo aje kwivuza muri Kenya! Ibihumbi bitandatu vy’ama dollars ntivyamutaye kuwamazi, none ubu yemeye kugura isandugu y’ukumushinguramwo! Nibareke guhendwa yariko yishakira kwifatira amafoto hamwe nabo bigeme!

  • ni vyiza cane ariko nashaka gukebura mzee petero mukwambara imbuzu abanza akazisuzuma. kuko nkiyo kostime yambaye ibishikizo ntibisa kandi nkabanyagihugu ntibitugwa neza ahubwo biratumaramaza.

  • Ahubwo barashime imana niba bahavuye atabafashe kunguvu kuko nabonye yari yatanguye gufungura ibipeso vyikoti nimashini yi pataro ubona ko gufata kunguvu biri mumugenzo waba dd

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.