IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > ’’Ubutungane bw’Uburundi buriteguye gusubirira CPI" - Laurentine (...)

’’Ubutungane bw’Uburundi buriteguye gusubirira CPI" - Laurentine KANYANA

mercredi 30 Myandagaro 2017

Yishura ku bibazo vy’abashingamateka kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30 Myandagaro 2017, Aimée Laurentine KANYANA yavuze ko ingingo yo kuva muri sentare mpuzamakungu CPI yafashwe n’inzego zibirekurirwa n’amategeko, kandi ko ari ingingo yiyumviriweko bikwiye.

Aimée Laurentine KANYANA aramutswa ubushikiranganji bw’ubutungane avuga ko naho impungenge zitobura bisunze ibivugwa hirya no hino ku Burundi, ata cobuza ko yemeza ko mu Burundi inzego z’ubutungane zikwiye.

Ku makenga y’umushingamateka Zenon NDARUVUKANYE ku bijanye n’ikiriko kirakorwa kugira abarundi bizere ko ivyaha vyokurikiranywe na sentare mpuzamakungu y’i La Haye, ubutungane bw’Uburundi buzobihasha, umushikiranganji Aimée Laurentine KANYANA yishuye ati :

«Hariho amategeko mpanavyaha yateguwe, kandi inzego z’ubutungane zirakora ico zitegerezwa gukora. Twaratunganije kandi inyigisho zo gukarihiriza ubwenge abacamanza kugira ntihagire uwuzokora nabi, hanyuma avuge ngo nta mategeko namenye.

JPEG - 53.1 ko
Aimée Laurentine KANYANA, umushikiranganji w’ubutungane

Umushikiranganji w’ubutungane aboneraho akaryo ko gusaba amakungu kureka kwagiriza ubutungane bw’Uburundi ko butigenga kandi budahana ivyaha, kuko bufise ubumenyi bukwiye bwo gukora amatohoza.

Uburundi bugiye gukura akarenge muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye, mu gihe haheze imyaka ibiri umushikirizamanza w’iyo sentare atangaje ko yuguruye amatohoza y’intangamarara ku Burundi.

Reta y’Uburundi yagumye yiyamiriza ayo matohoza, imenyesha ko n’ubucamanza bw’Uburundi bushoboye kuyikorera.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Uwo mushikiranganji jewe yama yantangaje cane!.
    Mbega yibaza kwabantubose aribijuju batigera babona ivyubutungane bwahano ivyoburiko burakora?
    Ubutungane bwuyumusi bwaramaze kwononekara cane.
    Ati kuki?
    ubutungane bwuyumusi bukingira ikibaba abicanyi bahano muburundi bahoneje inganda!, buzokwubahuka guca izociwe nasentere mpuzamakungu?
    nibabe bareka kwitwenga.
    ivyobazi barazi twarabahinyuye.

  • Madame Ministre,ivyo uvuga ubesha ngo ngaha mu Burundi hari ubutungane,rindira bitari kera abanyagihugu bazogusanga iwawe babikwereke ko batabeshwa,ejo uzobabona baguteye iwawe

  • Jewe mbona uyo nyakubahwa ministre ivy’avuga arukuri kanatsinda yarabinonosoye.Mbe iyo CPI ihengamye iguma iraba Uburundi gusa itaraba ibiriko bibera mu Rwanda nikubera iki?Irebere namwe ibikorewe uriya mupfasoni Dianne RWIGARA n’umuryango we ko CPI itagira intervention? Vigitoire Ingabire ari muburoko gushika ubu CPI ntaco iravuga gushika ubu.Nihahangame ubutungane bw’Uburundi.

  • Nephtalie, reka kugereranya ivyo U Rwanda n’Uburundi kuko si bimwe, ahubwo iyo ugira uti U Burundi na Somalia canke na za centrafrica kuko nivyo bihugu biri ku rwego rumwe n’Uburundi mu kugira umutekano muke.

  • @Copy uvuze neza cane u Rwanda ntitukiri k’urwego rumwe,DD yadusamburiye igihugu,bizodusaba imyaka 100 ngo dushikire iterambere bagezeko,uyo Nephtalie yibera mu mashamba ya Congo nawe siwe,umuntu ukigereranya igihugu c’igihangange nk’u Rwanda akakigereranya n’u Burundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.